Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imiryango yavyaye ubushuri yaribarukijwe n’abakenyererarugamba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Imiryango yavyaye ubushuri yaribarukijwe n’abakenyererarugamba

Imiryango yavyaye ubushuri yaribarukijwe n’abakenyererarugamba

lundi 13 Rusama 2013

Abakenyererarugamba bahurikiye mu mugambwe CNDD-FDD basaba abarundi kuvyara ku rugero, ndetse n’ukwibaruka abo bashoboye kurera mu gukurikiza impanuro bahabwa n’abajejwe amagara y’abantu.

Abakenyererarugamba bakaba babimenyeshereje mu ntara ya Ngozi, aho bari baroye kwibarutsa abapfasoni batatu bo mu makomine ya Gashikanwa, Mwumba na Ngozi baheruka kwibaruka ubushuri kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 11 Rusama 2013.

Abo bakenyezi bahurikiye mu ugambwe CNDD-FDD bakaba bagiye bikoreye agaseke karimwo ivyankenerwa bitandukanye vyo kwibarutsa umuvyeyi, na cane cane ko biri mu mico y’abarundi yo gukeza umumvyeyi yibarutse.

Muri ivyo birori, abo bakenyezi bahurikiye mu mugambe uri ku butegejtsi, bakaba baboneyeho akaryo ko kumenyesha ingaruka mbi zibonekeza iyo umuvyeyi yavyaye abana adashobora kurera, ku ngorane z’ukubarungika ku mashure, kubagaburira, kubambika, kubavuza n’ibindi vyinshi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.