Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Impamvu wovugisha umwigeme wakunze ubonye rimwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Impamvu wovugisha umwigeme wakunze ubonye rimwe

Impamvu wovugisha umwigeme wakunze ubonye rimwe

jeudi 18 Ndamukiza 2013

Kenshi haraho wumva ushaka kuvugisha umwigeme, kubera ari wenyene, arambiwe, yicaye nko muri za modoka zunguruza abantu canke muhuye mw’ibarabara. Mukabona ari mwiza hamwe muguma mujumarariwe. Mbega womwegera ukamuvugisha canke wokwihangana ? kandi si no kwiyumvira ico mushaka kumubaza. Ibintu igihumbi nivyo bica mu mutwe wibaza ivyo womubwira ariko habuze akaryo uza kubimubwirirako. Rero, kugira mu bikore raba ibituma womwegera uwo muntu utazi hamwe n’ibindi vyotuma umwihoza.

1.Erega ntaco bitwaye ,kubengwa canke isoni nta na rimwe vyishe umuntu. Bibishe iyo ubikoze mu buryo butabereye sink’igihe wamweretse ko yakunezereye. Tuvuze ivy’isoni navyo vy ‘uko yanse ko mwobonana mugasangira umusi umwe canke ko yanse kukwishura akumwenyurira aho nawe namba wari wamutwengeye nta n’umwe yigeze ababona vyihoze. Naho bikubabaza mu mutima ni mu masaha make. Ntaco bitwaye mbere uca usanga wamaze kuvyibagira ugakora ibindi kandi ngaho uravyishimira n’ubwo vyanse ariko uba wagerageje.

2.Ijana kw’ijana ry’abo vyashobokeye baragerageje amahirwe yabo. Amahirwe yo kumushikiriza ikiri ku mutima ukamwiyegereza arashobora kuboneka ari make cane, iyo rero mutagerageje hoho ayo mahirwe aba ari ku busa kw’ijana.

3.Wopfuma wumva ubabajwe n’uko atakwemereye aho kubabazwa n’ukwicuza kutigeze utera intambwe ngo umuvugishe. Wopfuma wumva ko vyakunaniye mu mvugo wakoresheje ahuko wumva vyakunaniye kumuvugisha irya mbere hama ukicuza, ukama uvyibuka mu buzima bwawe bwose ko vyanse kugerageza amahirwe yawe.

4.Hari igihe usanga muhujije hama ikiganiro n’ico kizokwereka ko mwumva umenga mwumvikanye. Naho wumva umenga nta kintu gikomeye wigeze uvuga igihe wamuvugisha, n’iyo wasanga ufise ibintu yoshobora gukunda ku muntu yoba umukunzi wiwe nta kibuza azogufasha. Bishobora kuba ari kubera ariho mukimenyana ata bintu mufise muvugana. Aho rero, abahinga bavuga ko ukwo guhura kwanyu kwopfuma kubura ico gushikako mugabo wamuvugishije. None ubona womenya gute ko hari icovamwo igihe utamuvugishije.

5. Muramaze kubona abasore batwaye nk’umuduga mwiza cane bahagaze kuko babonye umwigeme mwiza, umwe akanka uwundi nawe ukabona barajanye , n’abandi basore ubona babaye nk’igiti bagatinya kwegera umukobwa babonye rimwe nko mu bunywero ugasanga yihweje uwo mukobwa batazinanye gose. Basore mwe mwumva mwoba bande muri abo basore babiri?

6. Ukubura uko wifata muri ico gihe biranezereza abigeme, bibereka ko udakunda kuresha umukobwa wese muhuye. N’ahandi ho iyo bikworoheye cane aca abona ko agira nk’igihumbi mu bakobwa woba umaze kuresha. Aca abona umengo imisi yose ubonye umukobwa n’aho utoba umuzi uca umurondera. Mu yandi majambo ukwo kubura uko wifata imbere yiwe birakuvugira ko udakunda guhagarika uwo ubonye wese ahubwo ko ariwe wakunze wenyene.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.