Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Impunzi z’abarundi ziriko zizira ukutumvikana hagati y’Urwanda na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Impunzi z’abarundi ziriko zizira ukutumvikana hagati y’Urwanda na (...)

Impunzi z’abarundi ziriko zizira ukutumvikana hagati y’Urwanda na Tanzaniya

vendredi 16 Myandagaro 2013

Impfunzi z’abarundi zarirukanwe n’ubutegetsi bwa Tanzaniya inyuma yo gufata ivyo bari batunze muri ico gihugu.

Izo mpunzi z’abarundi zimenyesha ko kubera icuka kitari ciza hagati y’Urwanda na Tanzaniya zoba ziriko zizira ivyo zitazi mu gihe bazitiranya n’abanyarwanda, bagaca babirukana muri Tanzaniya ubutarariye.

Abo barundi birukanwa baremeza ko babitiranya n’abanyarwanda, maze bakababoha, bakabona kubirukana n’ivyo bari batunze bigasigara muri Tanzaniya. Mu bukene ntangere, izo mpunzi ubu ziri muma komine atandukanye y’intara ya Muyinga. Basaba abagiraneza kubagarukira kuko n’utwo bari batunze twasigaye mu gihugu ca Tanzaniya.

Musitanteri w’intara ya Muyinga akaba yemeye gukora ibishoboka vyose mu kuronderera imfashanyo izo mpunzi.

Mwomenya abagera ku gihumbi n’amajana atanu aribo bamaze gushika mu Burundi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.