Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imvugo ya Karori Nditije "ivanze ikinyoma n’ububegito" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Imvugo ya Karori Nditije "ivanze ikinyoma n’ububegito"

Imvugo ya Karori Nditije "ivanze ikinyoma n’ububegito"

mardi 14 Nzero 2014

Abashingamateka bakukira umugambwe CNDD FDD barabeshuza ivyashikirijwe na Karori Nditije, umukuru w’umugambwe w’Abadasigana UPRONA, aho yamenyesha ko itegeko rigenga umurwi CNTB rije gutunganya gushasha amatongo mu Burundi, kugira yakwe abatutsi ace ashikirizwa abahutu. Bariyamiriza kandi ivyo yashikirije ko sentare idasanzwe ijejwe amatongo n’ayandi matungo izokukira ibiro bikuru vy’umukuru w’igihugu. Kubw’umushingamateka Félicien Nduwuburundi, ibivugwa na Karori Nditije ni ikinyoma kivanze n’ububegito.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku munsi w’ejo kuwa mbere, umushingamateka Félicien Nduwuburundi yarabesheje ivyo yita "Ibinyoma bivanze n’ububegito" bishikirizwa n’umushingamateka mugenzi we Karori Nditije, asanzwe arongoye umugambwe UPRONA uri muri Reta. Félicien Nduwuburundi yaratanze uturorero tw’amatati y’amatongo mu gihugu yahuza abahutu ku batutsi, ariko akarangira abatutsi aribo bagekiye itongo, canke amatati yahuza abahutu ku bahutu, ari naco gituma abona ko gushikiriza ko umurwi CNTB ufise intumbero yo kunyaga abatutsi kugira abahutu baronke amatongo ari imvugo y’akagaye kavanze n’ugushaka kuburabuza ibikorwa vya Reta kugira arabe ko yotsinda amatora yo mu mwaka w’2015. "Umurwi w’abashingamateka ba CNDD FDD usanga ko umugambwe UPRONA uguma urondera guhenda no kujuragiza abenegihugu n’amakungu ubicishije mw’iterabwoba rya minsi yose kugira ibikorwa vya Reta bihungabane."

JPEG - 906.3 ko
Félicien Nduwuburundi, umukuru w’umurwi w’abashingamateka ba CNDD FDD

Umushingamateka Félicien Nduwuburundi, arongoye umurwi w’abashingamateka ba CNDD FDD yamirira kure kandi ibivugwa na Karori Nditije arongoye umugambwe UPRONA, ko sentare idasanzwe ijejwe ibibazo vy’amatongo n’ayandi matungo izokukira ibiro vy’umukuru w’igihugu, kuko iyo sentare atari nka zirya abantu bamenyereye, ahubwo ari urwego rwa CNTB rwo gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo (une instance non juridictionnelle). Félicien Nduwuburundi amenyesha ko iyo sentare idasanzwe ije gukuraho ingorane zagiye ziribonekeza hagati y’inzego zisanzwe z’ubucamanza hamwe n’umurwi CNTB, ingorane ahanini zifatiye ku gihe kirekire imanza zimara muma sentare zitaracika, n’ikibazo c’amafaranga asabwa abateshejwe izabo n’intambara, hama kenshi ntibashobore kuyaronka.

Félicien Nduwuburundi ati : "Umugambwe UPRONA wategerezwa ahubwo gufata iya mbere mu gutahura ko muri kino gihe ari ngombwa ko abateshejwe ivyabo kubera intambara bakwiye gusubizwa uburenganzira n’agateka vyabo mu kubatunganiriza neza kandi mu buryo bwihuta."


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.