Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imwe mu migambwe yahora kwiyamamaza yarangije ico gikorwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Imwe mu migambwe yahora kwiyamamaza yarangije ico gikorwa

Imwe mu migambwe yahora kwiyamamaza yarangije ico gikorwa

mercredi 3 Ruheshi 2015

Imwe mu migambwe yari imaze iminsi iriko iriyamamariza amatora y’abahanuzi b’amakomine n’ayabashingamateka yasozereye ico gikorwa mu gusaba abanywanyi bayo, kuguma biteguye.

Mu mugambwe CNDD FDD, mu gikorwa co gusozera ibikorwa vyo kwiyamamaza cabereye mu ntara ya Muyinga kirongowe na Victor Burikukiye icegera c’umukuru w’uyo mugambwe, yasavye abagumyabanga kuguma biteguye nk’umwe wo muri Bibiriya, Burikukiye kandi akaba atibagiye gushimira imigambwe canke inani bari bamaze iminsi bariko biyamamaza. Iyo migambwe nayo yagaragaye mu kwiyamamaza, akaba ari UPRONA ishami rya Concilie Nibigira, FNL ishami rya Yakobo Bigirimana n’urunani COPA rurongowe na Jean de Dieu Mutabazi.

Mu gihe rero iyindi migambwe canke abigenga n’inani batigeze biyamamaza banka guhiganwa hatabanje gutorerwa inyishu ikibazo c’ukwitoza ubwa gatatu kwa Petero Nkurunziza, iyo migambwe n’izo nani bariko biyamamaza, nka bose bahuriza mu gusaba amajwi abanyagihugu, kandi ko Petero Nkurunziza, umukandida wa CNDD FDD aho azokurirwa ari mu kazu k’amatora gusa. Mu mugambwe UPRONA bakaba bongeyeko, ko bazohiganwa n’uwariwe wese azoba atanzwe n’uwo mugambwe uri ku butegetsi. Ikindi iyo migambwe n’urunani COPA yahurijeko mu kwiyamamaza, n’ukwereka abanywanyi babo, ko imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu idakurikije amategeko, ndetse bakayifata nk’imigumuko.

Mwomenya ko n’umugambwe UPRONA urongowe na Concilie Nibigira, nabo nyene bakaba barasozereye ibikorwa vyo kwiyamamaza, aho ivyo bikorwa vyabereye ku Mugumya. Uwo mupfasoni awurongoye ati:’’ Twaciye mu mahwa menshi mu kwiyamamaza, cane cane mu gisagara ca Bujumbura’’ . Akaba yasavye nawenyene abadasigana bamuyoboka, kuguma bari maso, mu kurindira umunsi w’amatora.


IGIHE

Messages

  • ntayindi migambwe kweli ni yonyene CNDD FDD amwe n’amaraya bayo ba Concilie NIbigira nawundi mugambwe wabantu bafise ubwenge barimwo

  • Ndabakeje, umvarero, mubenegihugu bemerewe gutora muburundi barashika nkoku million 4 murabore abarenga million 3.5 nabanyagihugu bababarindiriye kwironkera indongozi biciye mumatora, ahorero nshatsekuvugako izo million zirenga 3.5 twiyemeje kuzobasabikanya amajwi ntanumwe azobura, icotwobasaba nuko uwariwewese niyabona amajwitwamuhaye azoyakire ukwo kuko ntituzobanganyanganya. Nongeye kubakeza.

  • ...................................................
    Ayo niyo mabarabara yubatwe kuva muri 2005
    Avenue de l’imprimerie 2,032
    Avenue de la Croix rouge 0,642
    Boulevard de l’Uprona 2,154
    Boulevard Mutaga III 2,145
    Chaussée Kigobe 2,372
    Desserte Mutakura- Buterere 4,833
    CHPL Rwagasore 1,033
    Avenue Muyinga Nyakabiga 2,854
    Avenue Moso 1,150
    Avenue Belvédère 1,580
    Avenue Muyinga Zone Nyakabiga 2,854
    Chaussée de l’Agriculture 1,550
    Boulevard Mao 1,200
    Rue JRR 0,800
    Boulevard du 1er novembre 0,550
    RN3 : Bujumbura-Gitaza 29, 3
    RN4 : Bujumbura-frontière RDC 10,5
    RN10 : Rugombo-Kayanza 122
    RN12 : Gitega- Muyinga- Karusi 104
    RN14 : Kirundo-Gasenyi 36
    RN9 : Bubanza-Ndora 42
    RN18 : Nyakararo-Mwaro-Gitega 56
    RN20 : Gisuru-Rusengo-frontière
    Tanzanie 37
    RN21 : Mabanda- Mugina 21

  • Businyga
    Nivyo hari vyinshi vyakozwe guhera 2005 ariko nawe ntuce uvugako imbere yaho ayo mabarabara atariho!!Amwe rero yarasizwe kaburimbo ayandi ashirwamwo amabuye ayandi arasubirwamwo ibice bimwe bimwe. Ukuri kurakenewe rero iyo umuntu atanze ibiharuro.
    Abiyamamaje nabo ni vyiza ariko burya n’abo bandi ni hagera bazobigira.Uri muburundi ukamenya kahise ka politique ukanaraba amasanamu ya RTNB y’imyiyamamazo uca umenya muri abo bane ababaho n’abatabaho.
    Kimwe nuko numvise hari bamwe mukwiyamamazavbamaze umwanya wabo bavuga imigambwe itariko iriyamamaza canke bita mu vyo batarimwo vyimyiyerekano aho kuvuga imigambi. Ni cakibazo nyene dufise ca politique.
    Ibisigaye bizorabirwa mumatora niyaba kandi abarundi bazoyitaba kubwinshi ndibaza niyaba atunganije neza hari ubwisanzure bukwiye.
    Opposition yoooose ntiraja kwiyamamaza gushika ubu hagiye mouvance!!!Sinziko muvyemera.

  • ABARUNDI BAZA BIGISHAKO TWOJA MUMATORA TUGATORA INDONGOZI NIBO BARUNDI BAKUNDA IGIHUGU CABO. ARIKO ABO BAJA MUMABARABARA BOVAYO KUKO UBURUNDI BURABAKENEYE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.