Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imigambwe yoba yariko yiyunga na FNL ya Rwasa yasabiwe gufutwa co kimwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Imigambwe yoba yariko yiyunga na FNL ya Rwasa yasabiwe gufutwa co kimwe (...)

Imigambwe yoba yariko yiyunga na FNL ya Rwasa yasabiwe gufutwa co kimwe n’iyindi 12

mardi 7 Nzero 2014

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana yandikiye ikete umukuru wa sentare ntahinyuzwa, aho asaba ko imigambwe ishika kuri 15 biboneka ko itagikora, yofutwa mu gihe itakigaragara ko ikora nk’uko yari yarabisabiye uruhusha, igisaba kwemererwa gukorera ku mugaragaro.

Muri iryo kete inomero 590/011/CAB/2014, umushikiranganji Nduwimana Edouard arongoye intwaro yo hagati mu gihugu, asaba sentare ntahinyuzwa gushira mu ngiro ingingo ya 69 yerekeye itunganywa ry’imigambwe, maze imigambwe ishika kuri 15 iheze ifutwe, kuko ibikorwa vyayo bitakigaragara. Iyo migambwe nayo ikaba ari :

1. ALIDE (Alliance Liberale Démocrate)

2. NADDEBU (Nouvelle Alliance pour la Démocratie et le Dévéloppement du Burundi)

3. RUSANGI (Parti pour la Reconstruction de la Nation Burundaise)

4. RADEBU (Rassembement des Démocrates pour le Développement du Burundi)

5. SONOVI (Société Non Violente)

6. VERT-Intwari

7. ABASA ( Alliance Burundo-Africaine pour le Salut)

8. PSD-Dusabikanye (Parti Social Dusabikanye)

9. FNL (Forces Nationales de Liberation), Iragi rya Gahutu

10. FNL (Forces Nationales de Liberation), Icanzo

11. PALIPE Agakiza (Parti pour la Libération du Peuple)

12. PIT (Parti Independant des Travailleurs)

13. PL (Parti Libéral)

14. PACONA (Parti pour la Concorde Nationale)

15.ABAHUZA (Parti pour la Restauration de la Monarchie et le Dialogue)

Iyo migambwe yagirizwa na Edouard Nduwimana kuba itagikora neza, eka ndetse n’ukuba irimwo akajagari, ari co catumye umushikiranganji ajejwe ivy’imigambwe mu gihugu, yisunga ingingo ya 69 mu gusaba ifutwa ry’iyo migambwe 15.

Tukaba twobamenyesha ko iyo ngingo ije mu gihe imwe mu migambwe yamuka kuri Palipehutu FNL nka FNL (Forces Nationales de Libération) Iragi rya Gahutu, FNL (Forces Nationales de Libération) Icanzo, PALIPE Agakiza (Parti pour la Libération du Peuple), yoba yari yaragize ibiganiro kugira yiyunge na FNL irongowe na Agathon Rwasa, naho iyo FNL itemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.


Aristide Nizigire

Messages

  • EDUARDO GIPFU GIKWIYE REKA BIGERAGEREJE WEWE URIHENDA CANE UZOBIBONA MUHU TESWA UTE TESWA UTE TESWA UTE NA KA DAFI, MOBUTU,SADAMU,MICOMBERO,NYERERE , ABO BARI IBIHANGANGE

  • Edouard wari waratevye kuvumera iryo jambo ahubwo twahora twibaza ko uvyirengagiza ubibona!Niyo migambwe isigaye uraraba ko igikwije amategeko ifutwe, mu Burundi hakenewe imigamwe itarenga icumi (itata gusa)!Komera NDUWIMANA!!!!!

  • haha ko avyibutse ari uko rwasa agira yiyunge niyo yindi, sha mwese muri abanyeporitike kandi mu migambwe burya ikomeye cane muri poritike y’uburundi ni itatu gusa. uprona watwaye kuva kera, aba frodebu n’aba fnl. abandi bose bavutse kubera intambara, abandi kubera amaronko. fnl numugambwe ukomeye cane nibaza ko na dd utinya cane ko muri 15 wobatwara amajwi yose.

  • mbe ko Edouard mumwanga abatwaye iki?

  • Vyinshi bibi bilutwa na bike vyiza,ahubwo dukeneye 3 yakamalo kandi ifise imigambi yubaka igihugu!

  • Hahahahahaha uwapfuye yarihuse uyumugabo arazwe ishinga na rwasa?yebawee ngumwanayankwa niwakura ngo ntanuwuvuma uwi Mana itavumye buraca bugacanayandi

  • Nko kubona muburundi hari imingabwe 46 mugahugu kangana garyo mwumva atari ibara ubu nzokumva na papa afise uwe mbega igihugu? Ikind kuyifuta biragoye kuko nibo bayemeye,kandi icemewe kukihakana biragoye nosaba ko batokoresha inguvu ahubwo bo kumvikana boba bakoze.

  • Nahora ntashigikira Édouard mugabo uno munsi ngiye namwemera!Rwasa naje mu Kibiri hanyuma bagire ico bamwemerera kuko naho ata mugambwe ndimwo,igihugu ntikizokwigera gitekana igihe cose kizoba gitegekwa n’umuntu yigeze gufata inkoho!Naho yipfuza gutwara ntavyo ashoboye kandi tous ceux qui ont été des rebelles ne finiront pas tous àêtre président.babimenye babimenyere!

  • Ivyobintu narinaravyiyumviriye ariko nirinze kugira icondabivuzeko kubera hariho ababijejwe. Ikindi iyomigambwe niyababatayirenganije ikabayariyashatse kwiyunga na Rwasa Agathon mengobaribihenze! Jewehubwo mbonako Rwasa niweyarikwinjira mwiyomigambwe kukoyoyo izwikurwego rwigihugu nayo iyomigambwe kwiyunga numuntu kugatwekiwe mengontibisobanutse.
    Vital Nshimirimana ivyavuze vyamatongo kobizovyura irdyane zamoko yihenze cane gose! Rekandamwibarize, Mbega Vital ivyamatongo bihuriyehe nivyamoko? kwahatubana nimiryango yabahutu nimiryango yabatutsi bibereye mutwabo tuzocadusimbiranirako? Vital urakwiye kumenyako amokoyose yomuburundi twarambiwe kuzaturagumurwa nabantubameze nkawe. Ivyowavuze kongwarukwiyamamaza Ndadaye ntiyatsinze ivyovyamatongo bitaratangura? DD ntiyatsinze ikongera ikisubiriza muri 2005 na 2010 bitarabaho? ngivyorero ivyobita mukinyarwanda ingenga. Jewe ukondabibona ryategeko ryokubuzabantu kugumurabandi ryaririkwiye kugufata ukarengukishwa imbereyubutungane kuko wakokeje.

  • Uwo mushikiranganji ndamushimiye cane gose kuri ico gikorwa ariko hari n’iyindi migambwe yari kwongerako muyosabirwa gufutwa:PRP,RPB,INKINZO.Mu Burundi (27843km2) dukeneye imigambwe itatu.None aho kwigwiza ama societe,industries,banques barukira amigamwe?

  • Muvyukuri igihugu nigito ariko unduru za politique nubukene birarenze ukwemera ivyorero birateye amakenga Hama imigambwe myishi niyonkwezi yamarere kobona imigambwe yashaka kwiyunga n’umugambwe FNL wa Rwasa ahubwo nisawa kuko muroroheje ukwo kwiyunga nkabanamarimwe ba Rwasa turabishimye kuko ntibafuse ibiri mumitima yabo yakwiyunga na FNL irongowe n’umushingantahe Rwasa Agathon

  • Ntakintu ciza cova mu kanwa Ka nduwimana,ivyo vyose ariko arabigira kubera fnl ya Rwasa yahaye ba miburo,ariko igifise intango kiba gifise iherzo.wait and c.

  • Ivyo ntibitangaje kubona mbega uwo mushikira nganji arazi ico democratie isigura ahubwo baramuraba neza canke nukubera harimwo Rwasa nareke aho vyose bizoteba bigaragare kuko aho bahereye sivuba

  • Nibaza ko mubundi igituraje ishinga atari politique gusa mbona umengo umwe wese ashira ivyiwe imbere RWASA we bamuburiza iki kwipfira nabi mbega CDD FDD ntizova kubutetsi? nibazure amaso gose babuca batangara aho abanyagihugu tubuca ducira urubanza burakey ntibugira umutima imbwa yahiye kumurizo iti burakeye ndaharabe presida nkurunziza narambe kuko siwe nimbonerakure NYABENDA pascal we ntamuntu arimwo n’igishusho co gukoresha.

  • ariko intwaro zomuburundi zitugez ahantu birabonekako abadutwara badakorera abanyagihugu twe twabatoye ahubwo bakorera umugambwe CNDD FDD ariko ico bomenya nuko iyontebe bariko batazoyamako ejo muri 2016 bazotangura gufuta umugambwe CNDD FDD wa Pierre NKURUNZIZA nabaraho mbona abashigikiye mumanyanga ntamvura idahita.

  • Edwar reka kwihuta gufuta imigambwe nimwe mwayigwije mubibona rero akazi baguhaye kuvyerekeye imigambwe wararonse Defet ntivyoshobotse icocivumviro nticarikibi ariko niwe wabitumye irenga kurusha uko yari kera utaraja murayo mabanga kubona waremereye imigambe ikiyita nyakuri rero nimwihangae amatora yomuri 2015 iyomigambwe myinshi izokugwa nayangingo yokudashikana ibice muzoca muyifuta.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.