Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inama mpuzamakungu y’abarundi baba mu makungu ntiriko itunganwa ku (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Inama mpuzamakungu y’abarundi baba mu makungu ntiriko itunganwa ku (...)

Inama mpuzamakungu y’abarundi baba mu makungu ntiriko itunganwa ku mugaragaro

jeudi 13 Ruheshi 2013

Mu gihe hategekanijwe inama ku genekerezo rya 20 gushika 23 Ruheshi 2013 izohuza abarundi baba mu mahanga izobera I Oslo mu gihugu ca Norvege, bamwe muri abo barundi baranegura itunganwa ry’iyo nama aho bamenyesha ko bakumiriwe.

Umwe muri abo barundi, Nsengiyumva Minani Felicien yaganiriye n’ikinyamakuru IGIHE aho asanzwe ari mu gihugu ca Norvege kandi akurikiranira hafi itegurwa ry’iyo nama amenyesha ko abarundi benshi cane baba muri Norvege bakumiriwe muri iyo nama nawe nyene arimwo. Abarundi baba muri ico gihugu gitegura iyo nama mpuzamakungu baronse ubutumire igenekerezo rya 05 Ruheshi 2013, ari nawo wari umusi wa nyuma wo kwiyandikisha ku bashaka kwitaba ibikorwa vy’iyo nama, naho nyene bagasabwa kubanza kwiyandikisha kuri site Burundi-diaspora.org, bakarindira inyishu kandi ubutumire bwashitse ku musi wa nyuma, ivyo bikagaragaza ko ari ingendo yo gushaka kubakumira. Ivyo biri uko mu gihe abarundi baba mu bindi bihugu baronse ubutumire umwanya utararengerana.

Nk’uko bibandanya bimenyeshwa na Nsengiyumva Minani Felicien, uwurongoye abarundi baba mu makungu (Diaspora) ku rwego rw’isi yose ( AIDBU ) Japhet Legentil Ndayishimiye n’abo basangiye ayo mabanga barimye ijambo uwutwara abarundi mu gihugu ca Norvege, Leon Ntirandekura kandi ariwe yokwakiriye abashitsi, bagatangazwa kandi n’ingene umuririmvyi yatumiwe muri iyo nama mpuzamakungu ari umunyamahanha mu gihe hari abarundi benshi kandi bavyipfuza bari gutumirwa.

Ikindi catangaje abo barundi banegura itunganwa ry’iyo nama n’uko n’ingoma z’Uburundi zisanzwe zihari nazo nyene zakumiriwe kandi zoteye iteka Uburundi mu kwakira abashitsi b’iteka bazoba bitavye iyo nama.

Nsengiyumva Minani Felicien akamenyesha ko bigoye kuvuga ko iyo nama izogenda neza nk’uko vyategerezwa canke ko harico izomarira igihugu mu buryo bushimishije mu gihe yateguwe nabi. Urwego ruriko rutegura iyo nama ntirwigeze rumenyekana ku mugaragaro kandi n’uwurongoye Diaspora mu gihugu gitegura iyo nama ntazi abagize urwo rwego abaribo n’ivyo bapfunditse.

Uwo murundi aba mu gihugu ca Norvege akarangiza asaba ko abariko baratunganya iyo nama mpuzamakungu bokwisubirako, bagatunganya ibintu neza ku neza y’Uburundi n’abarundi bose, bakareka gukora nk’abikorera ivyabo. Nsengiyumva Minani Felicien akavuga ati: “ Ishirahamwe Diaspora si iryo kurongora uko umuntu yishakiye. Hariho amategeko arigenga ategerezwa kwubahirizwa, atari uko naho, abakora nabi bobogozwa canke bagatanga imihoho, bakareka ababishoboye badakumira abandi, bipfuza ineza y’igihugu cacu n’iy’abarundi bose.”


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.