IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Inde: Abanyeshure bane b’abarundi barapfunzwe bagirizwa akaborerwe

Inde: Abanyeshure bane b’abarundi barapfunzwe bagirizwa akaborerwe

lundi 3 Ruheshi 2013

Urwaruka rw’abarundi ruja kwiga mu gihugu c’Ubuhinde ruragirizwa ko rukunda gutera akajagari cane cane mu mpera z’amayinga, kuko benshi muri urwo rwaruka usanga bahaze urukanywa.

Mw’iyinga iheze, abasore bane b’abarundi biga aho Buhindi, barafashwe barapfungwa mu gihe bagirijwe ko bateye akajagari mw’ijoro bariko barataha, maze batuma muri karatiye barimwo abantu bavyuka kuraba icoba kibaye nk’uko tubimenyeshwa n’ikinyamakuru kimwe c’aho mu Buhindi. Haciye akanya gato, igipolisi caciye kiza gifata uwitwa Jean Michel Minani w’imyaka 21, Guillain Rumuri w’imyaka 30, Arnaud w’imyaka 28, na Francis Butera w’imyaka 30. Ivyo rero vyashitse mu gihe muri ico gihugu igice kinini aric’ abahindou be n’abasiramu nabo bakaba baterekwa inzoga.

Ababa muri iyo karatiye rero bavuga ko urwaruka rw’abirabure bankwa kubera bigenza nabi, bavuga ko baborerwa cane, abanyagihugu b’i New Dheli bakanka ko izo ngeso zo kuborerwa zishobora kwandukira abana babo, bagashaka kuzitira bataronerwa.
Abo banyeshure bane rero bafashwe bariko batera akaguma mw’ikaratiye babamwo, bose biga ivyirwa vy’inyabwonko muri collège T. John, bakaba bashitse aho mu Buhindi mu mwaka w’2011, bafise bose murekarengane zo kuja kwiga muri ico gihugu.

Abo barundi bane rero, baragirizwa ko batutse abapolisi mu gihe bari baje kubabuza gutera akaguma muri karatiye, ivyo vyose bakaba barabibajijwe igihe bafatwa isaha indwi z’ijoro muri karatiye ya Basavanthapura hafi ya Bannerghatta, karatiye ibamwo abantu benshi i New Dheli cane cane abirabure.

Abo banyeshure b’abarundi bafashwe rero, baragirizwa ko bamaze umunsi wose bariko baranywa inzoga gushika iyo saha y’indwi y’ijoro, mu nyuma baciye batangura gutera akajagari mu butambiro barabirukana, bahejeje baciye baja kudurumbanya abo muri karatiye. Abo banyeshure boba barigenjeje nabi cane gushika y’aho igipolisi casavye ko hoza abandi bapolisi kugira bashobore kugarukana ituze muri karatiye, kuko ababa aho i Basavanthapura bari bashavujwe n’urwamo rw’abo basore, bibonekako bariguheva bagira n’ingorane iyo igipolisi kidashika kare ngo gisukemwo mabisi.

Urwaruka rw’abarundi rero biga ng’aho mu Buhindi basabwa kwitonda na rirya biga mu gihugu atari iwabo, bakagerageza kwubahiriza amategeko bahasanze, kuborerwa n’akajagari bakabiheba. Twobibutsa kandi ko hari umunyeshure w’umurundi yitwa Yannick Nihangaza yigeze gukubagurwa n’urwaruka rw’aho mu Buhindi haraheze umwaka, maze aca amara amezi icenda ari mu bitaro atumva, atavuga, akaba yaronse mitende muri aya mezi arangiye.

Abaharanira agateka ka muntu ngaho mu Buhindi bemeza ko ivyakorewe uyo mwana ari nk’amacakubiri afatiye ku rukoba, bakavuga ko ubu bagiye kubihagurukira. Bane mu bakubaguye Yannick bakaba barafashwe bajanwa imbere y’ubutungane.


Aristide Nizigire

Messages

  • mbega yemwe abarundi bahebe baje kwiyerekana no hanze naho ko mukunywa kabaye? abo nibo barungitswe kwiga, abavyeyi bakikokora bagataha ibiyayura mutwe vyinzoga vyabishe...ni bibuke ivyashikiye mu genzi wabo yanik hanyum bareke kwikwegera abo bahinde kandi bamenye aba indien ari abantu binzigo cane

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.