Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Indoneziya: Basabwa ibipimo vy’ubusugi kugira binjire mu gipolisi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Indoneziya: Basabwa ibipimo vy’ubusugi kugira binjire mu gipolisi

Indoneziya: Basabwa ibipimo vy’ubusugi kugira binjire mu gipolisi

lundi 29 Kigarama 2014

Abakobwa binjira mu gipolisi mu gihugu ca Indoneziya barakorerwa ibipimo biteye isoni kugira barabe ko bakiri isugi.

Umuryango mpuzamakungu uharanira agateka kazinamuntu (Human Rights Watch) warashize ahabona icegeranyo wagize aho wiyamiriza uburyo abakobwa bagomba kwinjira mu gipolisi bapimwa ubusugi bwabo. Muri ico cegeranyo haravugwa ko abo bakobwa babapima ubusugi bwabo bakoresheje intoki, bakazishira mu bihimba vy’irondoka vyabo tutibagiye n’ibindi bipimo bikorerwa abo bigeme.

Ico gipolisi co muri Indoneziya kikaba gihakana ko kidakora ubwo buryo bwo gupima mugabo kikisigura kivuga ko ibipimo vy’amagara y’abo bakenyezi bitegerezwa gukorwa kugira bakorere igihugu bafise amagara meza. Mu rwandiko, urwego rw’igipolisi co muri Indoneziya rwashize ahabona k’umurongo wabo ngurukanabumenyi (site) bamenyesha ko umukobwa agomba kwinjira mu gipolisi c’ico gihugu ategerezwa kuba ari isugi.

Umuryango mpuzamakungu Human Rights Watch ukaba waraganiriye n’abagore bamwe bamwe babajwe n’ubwo buryo bwo kubapima ubusugi bwabo. Bamwe muri abo baravuga ko vyari biteye isoni kwambura impuzu imbere y’abantu batazi. Ikintu cari giteye isoni cane yari uburyo babapima kuko bisanzwe bibabaza cane bigashobora gutuma batagisubira kuba isugi. Kubw’ivyo, Human Rights Watch ivuga ko hariho abakobwa bamwe bahahamutse iyo bavyibutse. Uwo muryango ugatera akamo igipolisi ca Indoneziya ngo gihagarika ivyo bipimo kubera ari guhonyanga agateka kazinamuntu.


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.