Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingene wonezereza umukunzi wawe ku munsi mukuru udakoresheje uburyo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Ingene wonezereza umukunzi wawe ku munsi mukuru udakoresheje uburyo (...)

Ingene wonezereza umukunzi wawe ku munsi mukuru udakoresheje uburyo bwinshi

vendredi 29 Ntwarante 2013

Rimwe na rimwe hari igihe ugira utya ukabona umukunzi wawe agize isabukuru y’amavuka, canke se ibindi birori bigusaba ko umuba hafi ukamwereka urukundo kandi ko hari n’igihe bigusaba kwikora ku mufuko .

Mu vyukuri rero hari igihe uba ukunda umuntu ariko uri umukene canke se uwo munsi we ukagera ata mafaranga ufise wabitse.Ivyo rero ntivyokubuza kuza kumunezereza kuko hari uburyo bukurikira ushobora gukora akanezerwa kurusha uko wari kuja kugurana amafaranga yo kumugurira za chocolat,deodorant n’ibindi vyinshi.

1. Indirimbo

Rondera indirimbo uzi ko uwo ukunda akunda kumva maze uyimushiriremwo, haba kuri CD, kaseti (tape) canke kuri e-mail, nimba mutari kumwe. Nimba ahari uyishyiremo muyumvane canke muyiririmbane.

2. Amashurwe mabisi

Niba wari ufise impungenge z’ uko utazoronka ubushobozi bwo kugurira umukunzi wawe amashurwe (les roses) kuko azimvye cane , burya nta muntu yavuze ko ugomba gutanga amashurwe. Ushobora no gutanga ayandi mashurwe wokura nko mu mirima (jardin) yaho uba canke ukanayagura kuko hari ayatazimvye cane kuko burya amashurwe asanzwe nayo anezereza nk’ayo umuntu aba yaguze.

3. Ikorere ubwawe akaganuke aho kuzigura.

Ibintu nka Chocola, gateaux n’ ibindi bigurwa abantu bakunda gutanga nk’impano usanga bizimvye cane, yamara kuvyikorera birashoboka . Ushobora rero gusoma uko ibi bintu bikorwa ubundi ukagura ibikoresho ukavyikorera utanze amafaranga make cane. Ibi kandi ngo binezereza uwo ukunda cane kuko abona ko wafashe umwanya wawe ukamukorera impano uko ubishoboye. Ibi ariko si ibintu ukora udafise umwanya ahubwo ni vyiza ko ubitangura hakiri kare kuko uba utabimenyereye kugira ngo ntuhave uvyica uvyica.

4.Impano isanzwe nayo irerekana urukundo.

Uretse ivyo amatangazo avuga mu rwego rwo gutuma abaguzi bagura , burya za diamand canke se ibindi bintu bizimvye ntabwo ari vyo bituma uwo ukunda akwihebera. Fata amafaranga ufise umugurire nk’ udukomo, amahereni, canke se impeta iri ku giciro ushoboye. Burya navyo biramunezereza cane .

5. Gutanga amafaranga menshi ku tuntu duto bishobora gutuma wicuza

Akaganuke k’ umunsi mukuru w’umukunzi wawe kagomba kuba koko ari akaganuke uraba ukabona ko uwukaguhaye akubwira ati: “Ndakwitayeho kurusha bose”. Ushobora kumushira ako kaganuke ari ku kazi, wambaye impuzu zawe nziza; ibi biramunezereza cane . Fata ifoto yanyu mwese uyikoreshe ku buryo buboneka neza uyishire nko muri cadre (frame) uyimuhe.

Ibi bizomunezereza cane . Hari abanezegwa cane iyo ubahaye ikintu gito kandi gisanzwe nk’ umukate wa sandwich.

6.Urukundo rwanyu ntabwo ruzopfa, rondera rero akantu kazohoraho mu gihe mu kiriho.

Niba ufashe umwanya wawe ugacapa ikarita uko ubishoboye n’intoke zawe, bizoshimisha cane uwo ukunda kurusha uko woja mw’isoko ukagura carte postal maze ukandikako ijambo rito . Nimba ufise amabara nayo uyakoreshe kugira ngo agacapo kawe karushirize gusa neza .

7. Mwigumire muhira mwirabire ireresi.

Benshi barasohoka, namwe mushobora kuba mwarasohotse incuro zitari nke. Nimba uyu munsi mudafise uburyo bwo gusohoka ntabwo ijuru rikorotse. Kubera akazi ntabwo ukunda kumarana igihe n’umukunzi wawe. Uyu munsi rero kora ikidasanzwe ubundi wirirwane n’uwo ukunda kandi munirabire ireresi mwempi .

8. Ironderere akandi kantu mwokora.

Burya nta gikorwa c’ urukundo coruta gushaka ikintu gishasha mwakora mwempi kandi ata mafaranga mutanze. akarorero, ushobora kuraba ahantu habereye ibirori kwinjira ari k’ubuntu mukinjira. Navyo biranezereza.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.