Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingeso iraraba ntihwera - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Ingeso iraraba ntihwera

Ingeso iraraba ntihwera

jeudi 17 Nzero 2013

Mu ntango z’uyu mwaka turangije 2012 haribonekeje mu gisagara ca Bujumbura ububegito bw’abana basega babesha ngo ntibumva kandi ntibavuga ariko bakomeye. Igipolisi cari cabutujije none bwagarutse.

Abo bana bariko baranakura twohava twita n’imisore bagendana ibipapuro vyanditseko bahora baba mw’ishure EPHPHATA ry’abatumva ntibavuge riri mu Gasenyi muri komine Kamenge aho bita « Kwa Johnson ». Wasanga umwana umwe wese afise nk’ibipapuro bitatu canke bitandatu handitseko amajambo atandukanye atuma uwuyasomye agira umutima w’ikigongwe agaheza akaba amahera uwo munsi ukaba uvuyemwo.

Kugira berekana ko koko nyene batavuga ntibumve baca baha ivyo bipapuro abantu bihuriye kw’isoko canke bicaye muri Bus barindiriye ko yuzura. Wasanga handitse ko ngo « Dufashe turashonje kuko ishure EPHPHATA ntirigishobora kutugaburira kubera ubukene rifise, dufashe ntitwumva kandi ntituvuga, n’ibindi n’ibindi ».

Kugirango ubwo buryo bushasha bwogusegerereza buhere mu gisagara ca Bujumbura, umuyobozi w’iryo shure, Maurice Murishi, yaruhiye kubihakana ku ma radiyo ati ‘’Abo bana si abacu’’. Yavuze kandi ko ati naho twobaye twabuze ivyo tubagaburira ica mbere twokora si ukubarunginga gusega mw’ibarabara. Yaciye anabimenyesha igipolisi naco gica kirabatuza.

Abarundi bati « Ingeso iraraba ntihwera », inyuma y’umwaka iyo misore y’ibinebwe igomba ubuzima bworoshe ikaba yasubiye kwibonekeza mu gisagara ca Bujumbura. Kumbure yibaza ko abarundi batakibibuka. Igipolisi nikibatuze rero hakiri kare.


René Dieudonné Kamaro

Messages

  • Baronderere akazi bakora n,ahandi kubatuza n,ibaza ko ataco bivuga kandi nta muntu yoryoherwa n,ugusabiriza babikora k,ubera ubukene b,uri mumiryango b,avamwo murakoze. leta n,ikore ibishoboka rero igabanye ubushomeri buri mu banyagihugu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.