Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingingo yakuraho amasezerano ya ISABU-STEVCO yahagaritswe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Ingingo yakuraho amasezerano ya ISABU-STEVCO yahagaritswe

Ingingo yakuraho amasezerano ya ISABU-STEVCO yahagaritswe

vendredi 7 Munyonyo 2014

Ingingo yahagarika amasezerano hagati y’ikigo ISABU n’ishirahamwe STEVCO yahagaritswe.

Nk’uko bigaragara mw’ikete nimero 1368 /2014 /I.8.6, umuyobozi mukuru w’ico kigo ISABU, Dieudonné Nahimana yandikiye iryo shirahamwe STEVCO, Ikigo ISABU cahagaritse ingingo cari cafashe yo guhagarika amasezerano yari hagati y’ico kigo n’iryo shirahamwe.

Muri iryo kete, umuyobozi mukuru w’ikigo ISABU agira ati : "Muri rino kete twashaka kubamenyesha ko twabonye urwandiko mwatwandikiye kuwa 20 Gitugutu mudusaba gukuraho ingingo twafashe yo guhagarika amasezerano yaduhuza n’ishirahamwe murongoye kandi turabashimiye. Twashaka tubamenyeshe y’uko twemeye gukuraho iyo ngingo yadutuma duhagarika amasezerano mu gihe mwokwemera ko vya bikorwa vyo kugerageza ico giterwa ca stevia vyokorerwa mu kigo ISABU, intambwe nayo yo kukigwiza no kugikwiragiza mu gihugu cose izobanza kurindira ico gikorwa co kukigerageza kibanze kirangire. Muri ico gihe, amasezerano yandi azoheza yongere ashirweho yongere anaterweko igikumu."

Mw’ishirahamwe STEVCO bakaba bashimye iyo ngingo. Tubibutse ko ayo masezerano yahuza ikigo ISABU n’ishirahamwe STEVCO yari yahagaritswe kuwa 17 Nyakanga uno mwaka.


Floxella Karire

Messages

  • stevia none ico giterwa kizoshorerwa mu Burundi? mbeko numva ko hari abatanguye kukirima.nkavyumva mubanyagihugu nkaba nipfuza kuronka umuco wico giterwa mwowumpa? Nipfuza cane kukimenya nukuntu umuntu agikoresha ndumurimyi muto kugira nanje ndakirime.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.