Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingorane z’amatongo zirageramiye abahunguka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Ingorane z’amatongo zirageramiye abahunguka

Ingorane z’amatongo zirageramiye abahunguka

vendredi 22 Ruhuhuma 2013

Abahungutse 20 bamaze amezi atanu barara kuri commune Kanyosha batagira ikibafasha. Basanze aho bahora haba iyindi miryango. Umugwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo cntb bavuga ko ikibazo bakizi kandi ko biteguriye gutunganiriza abo bahungutse

Abo bahungutse mirongo ibiri bari mumiryango ibiri, umuryango umwe ukaba wari wahunze murwimo rw’1972 uwundi nawo mu 1993 yose ikaba yagiye iva muri commune ya kanyosha, quartier ya musama.

JPEG - 36.4 ko

Mu kwezi kwa munyonyo mu mwaka uheze w’2012 niho bahunguka aho bugariye ikambi y’impunzi y’I mutabira muri Tanzania aho bari barahungiye. Bose nyene ngo bashikiye mu ma parcela yabo ariko basanga habamwo abandi bantu. Uwo yari yahunze 1993 ngw’abajije uwahasanze yamwishuye ko atariwe yamutumye ahunga kw’ataco yomubaza rero. Iyo miryango ibiri ngo niko guca yitura umugwi cntb ngubatunganirize.

Mukurindira, iyo miryango yaciye ija kubiro vya komine Kanyosha kuva ico gihe n’ubu. Ubuzima babayemwo bukaba atari bwiza nkuko babivuga kuko batunzwe n’utwo ababanyi bahorana babazanira, natwo nyene ntibaronke aho badutegurira kuko batocana munzu commune yabatije bakikamwo umusaya.

JPEG - 29.6 ko

K’urwego rwa cntb rujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo, umuvugizi warwo aremera ko ico kibazo bakizi, kw’abo bantu babituye kandi babitavye. Umugwi wo mugisagara ca Bujumbura ngo waciye uja kuraba uranafata ingingo vy’imfatakibanza mukurindira ko hafatwa ingingo ntabanduka z’umugwi cntb.

Kur’uwo muryango wa mbere w’1972, parcela bayiciyemwo ibice bibiri bingana kumpande zose(umusangwa n’uwahungutse).
Kur’uyo wundi nawo w’1993, umuryango uhungutse waronkejwe imiryango ibiri munzu ziri mururwo rupango kugira babe barabamwo.

Ariko abo bahungutse bo bavuga ko barindiriye ico uwo mugwi uzoshikiriza burundu kuko batoja murayo mazu bakirabana nabi n’abo bayasanzemwo bagashima kuba baraguma kuri komine Kanyosha mukurindira.

Cntb yo biciye kumuvugizi w’umugwi Dieudonne Mbonimpa, ngo sikera iyo miryango nireme kundwi itangura y’uyu wa 25 ruhuhuma 2013 bazokwishikira mukanyosha bashobore gutatura izo mpari.


Reverien Bazikamwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.