Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inkurikizi ziba mu gihe umugore n’umugabo bahukanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Inkurikizi ziba mu gihe umugore n’umugabo bahukanye

Inkurikizi ziba mu gihe umugore n’umugabo bahukanye

jeudi 23 Rusama 2013

Intambara, ubukene, urwanko, kwutumvikana, kurenga ibigo, n’ibindi bene ivyo biri mu bituma ingo nyishi zisambuka, izo mvo zose zituma ingo nyinshi zisambuka ziri mu bihugu nka vyose vyo kw’isi.

Ikindi naco, izo mvo ntiziraba ko umuntu ari umuzungu canke ni umwirabure. Iyo abantu batavyifashemwo neza zirabahitana. Ivyo navyo bigaca bitandukira no ku bana.
Ku cirwa cakozwe na Ined (ishure kaminuza riraba ivy’imibereho y’abantu), iyo ingo zisambutse umugore n’umugabo bagatandukana, bakahukana, imigenderanire yari hagati y’umnwana na se nayo irahagarara.

Ku biharuro vyakozwe, umwana umwe kw’icumi adashikana imyaka 18 afise abavyeyi batakibana, ntiyigera abonana na se. Ikindi kigaragara kibabaje, kubafise imyaka iri hagati ya 30 na 34: ibice 18 kw’ 100 ntibagiriranira imigenderanire ishitse na ba se babo. Ivyo tubimenyeshwa n’icirwa cakozwe n’ishure kaminuza Ined (Institut nationale des études démographiques). Kuko ubushakashatsi ku butungane bwakozwe, mu bice 76,8 kw’ 100 vy’ingo zasambutse burundu mu mwaka w’i 2010, abana kenshi baba begukiye ba nyina babo.

Ico cirwa cakozwe na Ined kirabandanya kivuga ko, mu mibereho ya minsi yose, mu ngo nyinshi usanga abagabo bataboneka cane mu muhira, bagize barabaye muhira naho, ntibashobore kuganiriza abana babo canke babaze ko hariho ico boba bakeneye. Ivyo bituma abana bata icizero bari bafise kuri ba se wabo, ntibanashobore kuba hari ico baganira gishitse kubw’imigenderanire iba yatitutse hagati yabo.

Ukuri kwemezwa na Adwige Antier, muganga w’abana ari nawe yatanguje umugambi « Mbega dawe arihe »,wiswe mu gifaransa « Il est où mon papa », <Abagabo bamwe bamwe ntibamara akanya barikumwe n’abana babo, ari naho hava intandaro y’urwanko hagati ya se n’umwana. Ni ibintu bibabaje kuko bidafasha abakenyezi babo mu guha indero abana babo, bigaca bituma n’abana babikuramwo bukebuke.

Abandi bagabo bitandukanya n’abana babo kuko baba bavanye na banyina babo nk’igikomere c’urukundo cabasizemwo imvune, bagaca bahunga icari kibahuje n’uwo mukenyezi wiwe>.
Ikindi gituma hataba imigenderanire hagati ya se n’umwana, ni ukungene usanga se w’umwana ataba hafi y’aho nyina n’abana bari, ukuntu uca usanga umugabo aca ashinga urundi rugo kuko nawe aba atarezwe n’abavyeyi bose.

Ukwo kungene hataba hakiri imigenderanire hagati ya se n’umwana, bishobora gutuma haba inkurikizi zitari nke. Kubwa Edwige Antier, muganga w’abana : ”N’ubwo umwana yokwihisha, ikigumbagumba c’uko aba yaranswe na se, ni umubabaro ushobora kugira inkurikizi ageze muri ya myaka igoye yo m’ubuyabaga, akaba ari ikiringo usanga umwana aba akenewe kwemerwa n’abavyeyi kugira yiyubake.

Umwana atabanye n’abavyeyi canke yarezwe n’umuvyeyi umwe ntagira ingeso nk’uwuba yararezwe n’abavyeyi bose kandi bamwitwararitse. Bene abo bana usanga bararezwe n’umuvyeyi umwe, bishobora gutuma akura afise inyifato zitabereye, akaba umugarariji, bikamugora mu mashure yiwe, mu mibano agiriranira n’abandi, eka mbere ugasanga ivyo yabayemwo akiri muto biramugarutseko yubatse urwiwe nk’umbure nawe ntashobore kubana neza n’uwo bubakanye.

Impanuro zitanzwe na muganga Edwige Antier, ngo ni vyiza ko nyina w’umwana atanga igicapo ciza ku bana ca se wabo. Ni ivyankenerwa kandi ko ababwira ukugene bari babanye neza na se wabo imbere yuko bavana, kugira abana baze bagumane igicapo ciza ca se wabo no mu gihe batazoba bakiri ku mwe na nyina wabo. Ivyo bizomutuma amenya ko ivuka ryiwe ryabaye umugisha kubavyeyi biwe bose n’ubwo baba batakiri kumwe.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.