Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inkwano zisigaye zibuza abasore kurongora? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Inkwano zisigaye zibuza abasore kurongora?

Inkwano zisigaye zibuza abasore kurongora?

jeudi 20 Ruheshi 2013

Ubukene buri mu gihugu c’Uburundi, ibura ry’akazi, izimba ry’amazu hamwe n’imigenzo y’abarundi, biri muri bimwe bituma abasore babarundi batari bake barongora batevye, ugasanga umusore yipfuza kwubaka urwiwe afise imyaka 25 yubatse afise imyaka 40, canke akabiheba vyose.

Abasore twashoboye kuyaga baremeza bamwe bamwe ko bahejeje amashure ya kaminuza, haheze imyaka itanu, bakaba ubu bariko baregereza imyaka 33 y’amavuka atan’umugambi w’ukwubaka urwabo bafise. Abo basore rero hari abavuga ko kubera ubukene bwugarije abanyagihugu, butuma abasore nabo babura ukwo boshikira abigeme ngo bababaze ukwo boshingana urugo. Abo basore rero bavuga ko ibintu vyose vyazimvye ku buryo n’aho umwigeme yokwemerera, batoronka iyo bamujana.

N’abafise akazi, nabo nyene ntiborohewe kuko umushahara w’ubu ari gake ushobora gutunga abantu babiri. Nk’akarorero, umusore ahembwa amafaranga ibihumbi amajana abiri, ntashobora gutunga umuryango, narirya inzu yonyene ubu zirihishwa amfaranga ari hagati y’ibihumbi 150 n’200, naho nyene mu makaratiye abayabaye cane yo mu gisagara ca Bujumbura. Iyindi ntambamyi abasore bo mu Burundi bavuga, ngo n’inkwano zaduze cane ku buryo usanga umenga uguze ikintu, kandi kari gakwiye kuba agashimwe ku bavyeyi aho kuba nk’ikiguzi. Abasore nka bose urabona ko ikibazo c’inkwano kibateye umutima uhagaze, ariko umuti waco ugasanga si umwe.

Bamwe bavuga ko Leta ikwiye gukuraho burundu uyo mugenzo w’ugutanga inkwano, uwutanze amafaranga canke ikintu cose ngo ni inkwano, bigafatwa nk’uwutanze igiturire.
_Abandi nabo bavuga ko ahubwo Leta ariyo yoshinga agashimwe gakwiye gutangwa, abigeme bose yaba uwize n’uwutize, uwuva mu muryango utunze canke uwukenye, bose bagafatwa kimwe nk’uko abantu bose bangana imbere y’amategeko.
_Abandi nabo bavuga ko umusore n’umwigeme bokwumvikana baravye uburyo bw’umusore n’uburyo umuryango agire ajemwo, bagaheza bakaraba ico botanga, kuko n’aba nyene baremeza ko inkwano mu Burundi zisigaye zivuna cane.

Abo twayaze rero barangiza bamenyesha ikindi Leta ikwiye gukuraho, kandi kikaba nk’itegeko, ko ari imigirwa iba ku munsi w’ubugeni, aho abantu batumira isinzi ry’abantu, ugasanga haje imiduga irenga mirongo, bakanywa ndetse bakararako, ivyo vyose bikaba habanje gufatwa amadeni mu mabanki. Hamwe Leta rero, yoraba ukwo itegura iyo migirwa ukundi gushasha, nta nkeka ko ubukene buri mu miryango imwe imwe bwogabanuka.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.