Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Intonde z’abarekuriwe gutumako inama z’umugambwe UPRONA zigiye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Intonde z’abarekuriwe gutumako inama z’umugambwe UPRONA zigiye (...)

Intonde z’abarekuriwe gutumako inama z’umugambwe UPRONA zigiye gusohoka

jeudi 27 Ntwarante 2014

Umukuru w’umugambwe UPRONA wemewe n’amategeko, Concilie Nibigira amenyesha ko agiye kurungikira umushikiranganji w’intwaro bw’intwaro yo hagati mu gihugu intonde z’abadasigana ba UPRONA bashobora gutumako inama z’umugambwe ku ntara ku ntara. Concilie Nibigira avuga ko azotanga izo ntonde kugira yirinde ko hari abosubira kwiyitirira uwo mugambwe bagatumako inama z’abadasigana.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwatunganije inama yahuje abakuru b’imigambwe yose yemewe n’ubwo bushikiranganji. Muri iyo nama yari yatumiwemwo kandi ba buramatari b’intara zose, bariko barabira hamwe uko imigenderanire hagati y’imigambwe yifashe. Abafashe amajambo, cane cane umugambwe Sahwanya FRODEBU, bagarutse ku bikorwa n’urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD mu guhohoterwa ubwigenge bw’abandi, kandi bakabuza iyindi migambwe gutunganya amanama n’abanywanyi bayo. Inyishu zatanzwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana, hamwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’umugambwe CNDD FDD Victor Burikukiye ntaho zatandukaniye n’ivyo bama bashikiriza ko uwukoze ikibi yokwitwa inkozi z’ikibi, vyose ntivyitirirwe Imbonerakure za CNDD FDD.
Edouard Nduwimana yasubiriye gusaba ko umwe wese yokwitwarirwa ku gatwe kiwe, ugufatira mu kivunga bigahagarara.

Mu gihe hari imigambwe yagirije umugambwe uri ku butegetsi ko wamaze gutangura imyiyamamazo, kandi abandi batemererwa guhura n’abanywanyi babo, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yasavye ba buramatari kwama batanga ku ndwi ku ndwi icegeranyo c’ingene imigambwe ikora, iyasavye uruhusha rwo gutunganya inama, iyankiwe, n’igituma bayankiye. Kuri ico kibazo, umugambwe UPRONA urongowe na Concilie Nibigira wamenyesheje ko ugiye kuzomurungikira urutonde rw’abadasigana bashobora gutumako inama ku ntara ku ntara, ivyo kubwiwe bikazofasha gukemura ikibazo c’abiyitirira umugambwe UPRONA mu guhamagaza amanama.

JPEG - 674.1 ko
Concilie Nibigira arongoye umugambwe UPRONA wemewe n’umushikiranganji wo hagati mu gihugu (i buryo), ari kumwe na Victor Burikukiye, icegera ca kabiri c’umukuru w’umugambwe CNDD FDD

Abakuru b’imigambwe bagiye barafata amajambo bagarutse ku gusaba imigambwe ko yotegurira hamwe amatora yo mu mwaka w’2015, mu mwumvikano n’amahoro.


Egide Nduwimana

Messages

  • NKUNDA ABAGORE ARIKO NANKA ABIGURISHA BE N UMURYANGO WABO ..MBEGA IGICAMVYARO NKAWE UBONA UZOBWIRA IKI URUVYARO RWAWE ABA DD BAZOGUKOZA ICO BASHAKA HANYUMA BAGUTE NK IGIKATSI MUKOBWA NIMBA UTABAZI ..WIBAZA NGO NI BASAZA WE NTACO!!!!URIHENDA DI ..iKI KIBAGO KIGUMA KIGUSHISHITIRA UGIRA BIZORAMBA NZOBA MBONA MUKOBWA WE!!!!ABARUNDIKAZI MUKURE AMABOKO MU MPUZI TURI BENSHI IGIHUGU NI CACCU UTIKENGEREYE ....CONCILIE NTAVYO MBONYE KUKO NTA KURI UFISE UDUTEZA ISONI....

  • Abadasigana ntabuzoronka dushire kurutonde twebwe abakenyera rugamba ni mbonera kure

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.