Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Intumwa z’urunani ADC-Ikibiri ziri i Washington D.C ku butumire (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Intumwa z’urunani ADC-Ikibiri ziri i Washington D.C ku butumire (...)

Intumwa z’urunani ADC-Ikibiri ziri i Washington D.C ku butumire bw’abarundi

vendredi 4 Gitugutu 2013

Intumwa z’abakuru b’imigambwe ihurikiye mu runani ADC-Ikibiri (Alliance des Démocrates pour le Changement) zirongowe n’uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu Frédéric Bamvuginyumvira, ubu ari icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU, kuva ku munsi wa kabiri ziri mu rugendo rw’iminsi cumi n’indwi mu gihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika mu gisagara ca Washington.

Urwo rugendo bivugwa ko ruri mu ntumbero yo gutegura amatora yo mu mwaka w’2015, barutumiwemwo n’ishirahamwe ry’abarundi baba muri Leta zunzubumwe z’Amerika ryitwa Engaging for Action in Burundi (EFAB-Biraturaba). Izo ntumwa za ADC-Ikibiri zigizwe na Alice Nzomukunda, umukuru w’umugambwe ADR (Alliance Démocratique pour le Renouveau), Marina Barampama wo mu mugambwe UPD-Zigamibanga, Gervais Niyongabo wo mu mugambwe FEDDES hamwe na Aimé Magera, umuvugizi wa Rwasa Agathon. Alexis Sinduhije na Leonard Nyangoma nabo nyene bari bitezwe muri urwo rugendo ariko ntivyabaye bigishoboka ko bitaba ubwo butumire.

Muri iyi ndwi ya mbere bari muri Leta zunzubumwe z’Amerika, barabonanye n’abategetsi bo muri ico gihugu, abafasha Uburundi baba muri ico gihugu, amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu, abanyamitahe hamwe n’abamenyeshamakuru. Abegereye urunani ADC-Ikibiri bamenyesha ko muri urwo rugendo bazoganira ku matora yo mu mwaka w’2015 hamwe n’uruhara rw’amakungu mu nteguro y’ihiganwa ryizewe, ryo ku mugaragaro kandi ryubahirije amategeko mu matora yo mu mwaka w’2015. Mu mibonano bamaze kugira, izo ntumwa zaremeje zidakeka ko urunani ADC-Ikibiri ruzohuriza ku witoza umwe, abe ariwe azoruserukira mu matora y’umukuru w’igihugu, kandi ko bazokorera mu runani. Bamvuginyumvira Frédéric yasiguye ko uko bizogenda kwose, urunani ADC-Ikibiri rutarota rusubira kwikura mu matora adaheze nk’uko vyabaye mu mwaka w’2010. Ayo makuru ava mu runani ADC-Ikibiri abandanya amenyesha ko iyo mibonano yose izobera mw’ibanga kiretse ukugendera kaminuza John Hopkins yo muri ico gihugu bizobera ku mugaragaro.

Inyuma y’urwo rugendo rwo mu gisagara ca Washington, izo ntumwa zo muri ADC-Ikibiri zizobandaniriza mu gisagara ca Grand Rapids (Michigan), i New York hamwe na Boston, aho hose zikazogirana imibonano n’inzego zitandukanye hamwe n’abarundi baba muri Leta zunzubumwe z’Amerika.


Egide Nduwimana

Messages

  • Numva ari sawa. Amakungu nabwirize ubutegetsi bwa CNDD FDD busubize umugambweFNL mwenewo. Rwasa Agathon ategerezwa kuzoba ari mu bitoza muri 2015.

  • Birashimishije pe kubona abadiserukira nagera mubihugu nkaboriya

  • Twe tuba aha muri Amerika,ariko ntitwari tuziko iri shirahamwe ririho,none nifuje kubaza ingene tworijamwo nk’abanywanyi twari dusanzwe turi mu migambwe iri mu Kibiri.Murakoze

  • Muri USA hari abarundi benshi mugabo igitangaje ni uko EFAB BIRATURABA itazwi nabenshi..none ni kuki ADC ikibiri yahisemwo kugendera mu ntara za North East za USA gusa?Ese vyoba iri kuberako abashinzeEFAB BIRATURABA benshi baba muri izo ntara gusa? EFAB yari ikwiriye kwimenyekanisha mu ntara 50za USA kuburyo nibura intara yose yogira uwuyiserukira akongere akigisha abanyanyi imigambi yayo. Atorivyo naho izoba igizwe nabishakira inyungu ku giti cabo. Murakoze

  • ADC iKIBIRI yatumiwe na reta ya U.S.A mbega iryo shirahamwe ryabarundi ryotumira abantu bangana gutyo rikabatunga mumisi 17 hama rikabarihira Hotel ,indya nukwiyunguruza hama rikabahuza nabategetsi naraye mbonye baganira nabo niryahe!!!!!ni USA yabatumiye gusa banse kuvugisha ukuri kugira ntihabe icuka kibi hagati ya Reta ya USA n’Uburundi

  • nukuri birababaje ibintu bibera muburundi.ahubwo sinunguruza naveho kuko ntaco yamaze.botwemerera ibarabara gute ntiyigere aryibutsa!mayina ngo ntakuvugana indya mukanwa!

  • nibyiza cane ariko bibuke kugendera no mugihugu iwabo cane cane ziriya ntara zaruguru,ngozi,karusi,hariya mubu seruko twebwe mu mahanga ntakibazo dufite,bibuke no gusenga imana yaremye ijuru n`isi.

  • Kuba bagiye muri U.S.A nivyiza ariko amakungu atagize inguvu abatswe imigambwe bayisubizwe amatora ashobora kuzoba nabiii

  • Nibagende bavugane na USA nyene nayo ahandi irya leta ya petero NKURUNZIZA ntiyipfuzakuva ku butegezi.RWASA Agaton nibamusubize umugambwe wiwe ,kuko baraziko yawurwaniye.

  • Abarundi ndumva arisawa.Mumakungu .haaaaaaaaaaaaaaaaaaa

  • Abarundi bari bakwiye kumenya yuko igihugu cabibarutse aribo bategerezwa ku gikunda ubwambera hanyuma bakagikundisha abanymanga munyuma.
    umuti wigihugu cacu uzova mu barundi.

  • Kuja kubonana n’abarundi bari muri USA si bibi, ahubwo kugwiza ingendo ni neza kandi zikatuzanira akarusho narirya abarundi duhanga amaso amakungu.kandi n’abo barundi bibuke baze baraza gushigikira abarundi ku ntambwe tugezeko muntumbero yo kwitegurira amatora atawukumiriwe. Kandi n’intererano mw’iterambere mumiryango n’igihugu turayikeneye twebwe abo mugihugu hagati.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.