Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inyishu y’ubushikiranganji ku myidogo ya SYNAPA - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Inyishu y’ubushikiranganji ku myidogo ya SYNAPA

Inyishu y’ubushikiranganji ku myidogo ya SYNAPA

mercredi 6 Munyonyo 2013

Mu gutanga inyishu ku vyamenyeshejwe n’abaforoma bahurikiye muri sendika SYNAPA, umuvugizi w’umushikiranganji bw’amagara y’abantu, Muganga Hilaire Ninteretse yarakoresheje ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru. Yamenyesheje ko ukurungikwa kw’abaforoma mu ntara zindi ari ku neza y’abo.

JPEG - 30.1 ko
Muganga Hilaire Ninteretse, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kwurwanya SIDA.

Intumbero yico kiganiro catanzwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu akaba yari gusigura ibikorwa vy’ubushikiranganji avugira. Ivyo bikorwa akaba avuga ko biteguwe ku neza ya bose atari kubwo akagwi kamwe k’abantu gusa. Irungikwa ry’abaforoma gukora mu zindi ntara ikaba ari nayo yari imbere mu vyavuzwe ahanini muri ico kiganiro. Muganga Ninteretse yerekanye ko vyose bikorwa mu mategeko ku neza ya bose.

Kuvyerekeye igabisha ryavuzwe na SYNAPA ko abaforoma bahurikiye muri iyo sendika bagiye guhagarika akazi, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya umugera wa SIDA bwifuje gutanga umuco. Kuvyerekeye imyidogo ya sendika y’abaforoma SYNAPA yuko abahurikiye muri yo, bakurwa mu ntara iyi bakarungikwa mu zindi ntara, vyahakanywe na muganga Ninteretse. Uwo muvugizi yamenyesha ko inama hagati ya sendika SYNAPA hamwe n’ubushikiranganji yabaye mu kwezi kwa Mukakaro guheze baribukanije ko abari muri sendika bagengwa n’amategekoagenga abakozi n’akazi.

Umurwi w’ibiganiro wamaho hagati y’ubushikiranganji hamwe na sendika wararoyeho inyuma y’iyo nama yo muri Mukakaro. Mu bushikiranganji bakaba bahora b’ishikira ku kivi kw’irabira ivyo iyo sendika iba yavuze ko habayemwo akarenganyo mu kurungikwa gukorera ahandi kw’abaforoma. Muganga Ninteretse yaciye mbere anakeza sendika SYNAPA kubona na ntaryo bama bitaho itunganywa ry’ibintu vya Leta. Ariko kandi uwo muvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu yaraciye intege bamwe muri sendika SYNAPA bafashe ibisuma mugabo bagashima kuja mu mugongo w’iyo sendika kugira babakingire.

Yaramenyesheje kandi ko ata mukozi numwe ariko ararungikwa gukora mu yindi ntara mu baserukira iyo sendika bo ku bitaro bimwe bimwe.Yasiguye ko kurungika abakozi gukorera ahandi iyo birinze bikorwa ahanini aba ari mu ntumbero y’uko ibikorwa bigenda neza.

Ariko rero akenshi hari abanka ko babahindurira akazi. Hari n’igihe bahindurira abakozi akazi mu ntumbero yo kugarukana amahoro nko kuri ivyo bitaro. Aha akarorero akaba ari abakozi barwanira nko ku mirimo yabo. Muganga Ninteretse yamenyesheje ko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwutuguriye kugira ibiganiro na SYNAPA kugira batorere inyishu iyo ngorane.


KARIRE Floxella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.