Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inyuma y’imyaka 41 ari mu buhungi​ro yagarutse mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Inyuma y’imyaka 41 ari mu buhungi​ro yagarutse mu Burundi

Inyuma y’imyaka 41 ari mu buhungi​ro yagarutse mu Burundi

mercredi 30 Gitugutu 2013

Ntawarazi ko akibabo, mbere no mu muryango wiwe ntawarazi irengero ryiwe atari abari ku rushi gusa. Uwo ni umuhinga w’incabwenge adasanzwe yitwa Kamana Kigweba batazira abandi Onesphore, imvukira yo Kwibuka mu ntara ya Gitega.

Iyo ncabwenge idasanzwe batazira Onesphore, yatahutse kuri uyu w’Imana wa 27 Gitugutu 2013 aje ava mu gihugu ca Leta nzuze ubumwe za Amerika aho yaramaze imyaka 41 atawuzi irengero ryiwe. Bamwe mu bamwakiriye Kwibuka iyo aturuka, bagize bati : « Ntawarazi ko umunsi umwe twosubiriye kubonana n’uwacu Kamana Kigweba ». Bakaba kandi bamwakiranye n’urweze n’impundu bidasanzwe.

Ntawokwibaza ko uwo muhinga w’umurundi w’incabwenge adasanzwe yakoze mu gisata c’ibigendajuru mu gihugu cubashwe kw’isi yose nka Leta zunze ubumwe za amerika, NASA (National Aironautique Spacial Administration). Uwo mushakashatsi w’umurundi w’incabwenge karuhariwe akaba akora nk’umuhinga aronderwa muri AOC, ishirahamwe rikomeye ry’abanyamerika mu vya chimie.

Bagenzi bacu bakaba bari batatanzwe mu kwakira Kanama Kigweba igihe yashika mu Burundi, inyuma y’imyaka 41 atanumwe mubiwabo azi irengero ryiwe.

JPEG - 42.4 ko
Kamana Kigweba batazira abandi Onesphore

Uwo Kanama Kigweba mwumva, yavutse mu mwaka w’1940 ku musozi wa Zege mu ntara ya Gitega. Yatanguye amashure yiwe matomato afise imyaka indwi kw’ishure ritoya rya mbere ryatangujwe n’abamisiyonari b’aba Quaker. Kanama ati : « Kuri iryo shure ry’abamisiyinari, nta kigura, nta gipapuro canke amakaramu y’igiti twakoresha, mu kwiga gusoma no kwandika, twandika hasi mw’ishure ry’abana bane gusa. Yaciye abandaniriza amashure yiwe yisumbuye mu Kibimba. Abandanya ati : « Ndibuka murumunanje Gaburiyeri Nyambikiye nasize ku gatumba, muka data akadufata nabi. Igihe cose mvuye kw’ishure, yaca anturirira ibikoresho vyanje vy’ishure ». Kanama yari umwana akerebutse, aciye mbere n’ubwenge bwinshi. Iyo ncabwenge mu buhinga bugezweho muvya « Technologie », ubu akaba ari sebibondo w’abana babiri.

Uko imyaka yagenda, niko Kamana yatangaza abo bamisiyionari mu bukerebutsi n’ubwenge afise, baca bamuronderera kuja kwiga muri kaminuza idasanzwe muri Leta nzunze ubumwe za Amerika.

Abo biganye n’iyo ncabwenge idasanzwe muri kaminuza, baracibuka ingene umwirabura nkawe, aje ava no mu gihugu kitazwi ukungene yaje abacako mu kumenya mw’ishure nko mu bisata vya chimie, phyisique n’ibiharuro.

Mu mwaka w’1960 yaragarutse mu Burundi afise intumbero yo guteza imbere igisata c’ubumenyi n’inyigisho mu Burundi. « Yaranse kuba umushikiranganji muvy’indero mu Burundi muri Leta ya Republika ya mbere kuko yabona ko bishobora kumubuza gukora icipfuzo ciwe co kwigisha abanyeshure gushika babe incabwenge zidasanzwe ». Ivyo bisigurwa n’uwumuzi ico gihe Musenyeri Simewoni Nzishura.

Umwaka w’1972, wamubereye umwaka udasanzwe kuriwe kuko yahaboneye ibitari bike atigeze yibagira gushika n’ubu. « Ndaciye uwo mwaka, aho abanyeshure bose nigishije bahasigiye ubuzima bwabo ». Kamana ntiyashimye kubandanya avuga ibijanye nivyo yahaboneye uwo mwaka, kuko yanahatswe no kuhasiga agatwe kiwe nawe.

Murumuna wa Kanama, we aracibuka ivyahabaye ico gihe, aho yumva terefone atari yiteze ihamagaye, uwaraterefonye nawe akaba yari umumisiyonari Bwana Paul, aho amariye kwumva ko Kanama bamutwaye i Mwaro kugira yicwe. Bivugwa ko abategetsi ba Leta zunze ubumwe za Amerika boba baciye bategeka Micombero, ico gihe akaba ariwe yatwara Uburundi, asabwa ko barekura uwo muhinga Kamana, aca arerurwa n’indege aherekejwe na Thomas Ndabemeye, uwatwara ibiro bikuru vy’igisirikare c’Uburundi. Yaciye atwarwa vyihutirwa muri Leta nzunze ubumwe za Amerika, ari n’aho yaciye aguma gushika ubu.

Kamana aho agarukiye mu Burundi, yakiriwe n’insinzi ry’abantu aho yavukiye. Abahoze ari abagenzi, umuryango n’abo vyasengera hamwe bari muteguye ingene bamwakirana igishika kidasanzwe.

Mwomenya ko uwo Kamana azwi n’abatari bake nk’incabwenge karuhariwe mu buhinga bwa technologie, akaba ari umuntu yuzuye ubwitonzi n’ubwira.

Source:canalbusinesslife.com


Mariella Bukuru

Messages

  • hiyo myakako arimyishi hiyicabwenge yamaze hanze yigihu ciwe? ubuse hiyicabwenge izosubira mumahanga cg ije mubindi bikorwa byo kubaka uburundi

  • Karibu kandi pole sana, Imana yarakurinze.

  • Uyu Musaza kabisa iyo yiyizira mu Rwanda agatanga umusaruro pe.

  • TURAKENEYE INCABWENGE NKA KAMANA. NATWIGISHE TECHNOLOGY KUKO TURAYIKENEYE CANE

  • Vy’ ukuri n’ivyo gushimira Imana kubw’iyo Mboneza.Izina niryo Muntu,yahabonyeyo kubw’umugambi wayo,kagati gateretswe n’Uhoraho kadahenurwa n’igihuhusi.Iyo ntahe y’Uwo muhumure itwibutsa ko Abirabure tubigomvye turashoboye(Yes,we can!)Biranashoboka ko n’Ibihangange vy’iyi Si nka Nyenicubahiro"Obama"yamuberey’icitegererezo.Imana Imutuzigamire.ashishikare kutubera akarorero keza ko kwamiza k’umuzirikanyi Igihugu catwibarutse no kugitera iteka mu Ncabwenge bo ku rwego rwo hejuru.Zaburi 123,amen!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.