IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Ishami rigira gatatu mu muryango w’Abasiramu mu Burundi

Ishami rigira gatatu mu muryango w’Abasiramu mu Burundi

mardi 18 Munyonyo 2014

Amatora ya Sadiki Kajandi mu burongozi bw’umuryango w’abasiramu mu Burundi bamwe mu bagize uwo muryango babona ko ayo matora atakurikije amategeko mu gihe yatowe atararangiza ikiringo ciwe.

Mu muryango w’abasiramu mu Burundi rero hakaba hacye havuka uwundi murwi ugira gatatu, aho imirwi ibiri yose yagiriza Kajandi kuba twara nabi umuryango, bamwagiriza ko umuryango wabo awutwara nk’ishirahamwe ryiwe, ndetse bakavuga ko amatora yatunganijwe kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 16 Munyonyo, atakurikije amategeko, aho yitoje kandi ikiringo ciwe kitarahera, ndetse mu bitavye ayo matora bakavuga ko batari babifitiwe uburenganzira.

Ayo matora yasubiye kuvyura icuka kibi mu muryango w’abasiramu mu Burundi, uwayatunganije ari Sadiki Kajandi we akavuga ko amatora yakurikije amategeko, kuko yatumiyemwo abari babifitiye uburenganzira, ndetse akanemeza ko ayo matora yabaye ku mugaragaro.

Aho ibintu bigeze rero, uwo muryango ukaba urongowe n’abantu batatu, aho Sadiki Kajandi avuga ko yemewe n’amategeko, hakaba na Haruna Nkunduwiga avuga ko nawene arongoye uwo muryango haraciye igihe, aho we na Kajandi bamye basharikanye mw’irongorwa ry’uwo muryango, ubu naho Cheikh Hamisi Abdallah niwe yaciye aba arongora uwo muryango vy’imfatakibanza mu kurindira ko izo ndyane zohera, mu gihe ariko uwemewe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati ari Sadiki Kajandi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ba Islam, mwehomwarimwaratevye kukoho aba Christu tumaze kumanyagurikamwo imirwi amajana namajana! Mbere twehotwaramaze kubimenyera, ubworero namwe nobasaba kuzamuragerageza gukenyura ibibazo bikunze mukumvikana mugakomeza kubamumurwi umwe mugashimira Imana vyasenaho mukihanganiranira umwumwe wese agasengera mugenziwe, ngivyo ibikomeje kudufasha twebwe aba Christu.

  • sha nukuri iyisi igeze kumusozo none nabimana nabo baragwanira ubutegetsi sha barapfa ubusa kuko imana niyo izi uwuri mukuri nuwutari mukuri haa muzoba mumbwira tubitege amaso

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.