IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Ishengero rya Umoja mu Cibitoke ryongereje abakozi b’Imana

Ishengero rya Umoja mu Cibitoke ryongereje abakozi b’Imana

dimanche 13 Nzero 2013

Kuri uyu w’Imana kw’igenekerezo rya 13 Nzero 2013 , ishengero rya Umoja Paruwase Cibitoke ryasengeye aba Reverend pasitori batatu, aba Pasitori babiri, Umuvugabutumwa umwe n’abadiyakoni babiri.

Abo basengewe ni : Reverend Pasiteri Kamondo Florence, Reverend Pasiteri Gitiga Razard na Reverend Pasteri Bizuru Mbabazi, Pasitori Niyonzima Leonard ,Pasitori Bizimana Willy n’Umuvugabutumwa Mukarukaka Francine hamwe rero n’abadiyakoni babiri.

Uwo mwanya w’ico gikorwa wakozwe n’uwuserukira imbere y’amategeko ishengero rya Umoja mu burundi ariwe Revend Pasitori Semuhanuka Daniel.

JPEG - 140 ko

Urwo rubanza rwari rwitabwe n’isinzi y’abantu bari baje kwitaba uwo munsi wagakura. Murabo harimwo abapasitori benshi baturutse muyandi ma shengero atandukanye y’i Bujumbura bari baje gutera iteka bagenzi babo basengewe aho. Ariko si abapasitori gusa hari haje n’abandi bakristo baturutse ahandi harimwo n’imiryango yabasengewe.

JPEG - 132.1 ko
Abapasitori bariko barahezagira bagenzi babo bashasha

Ico gikorwa cari kiryoheye amaso cane kuko wabona ko abantu bizigiwe, mu nyuma abasengewe bahawe umwanya w’ijambo aha buri wese kwari ugushimira Imana yo yashoboye kubagira abizigirwa ikabaha igikorwa cayo.

Aha kandi banabwiye ishengero ko bemeye kuba abakozi babo nk’uko ijambo ry’Imana ribivuga kandi ngo ubumwe n’amahoro no kwubaha Imana nivyo bizobarongora ngo babigeze hose cane kubw’ishengero no kubanyagihugu.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.