Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ishirahamwe AIDBU rirabeshuza abavuga ko habaye ikumirwa mu gutumira (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Ishirahamwe AIDBU rirabeshuza abavuga ko habaye ikumirwa mu gutumira (...)

Ishirahamwe AIDBU rirabeshuza abavuga ko habaye ikumirwa mu gutumira abarundi bo hanze

jeudi 31 Mukakaro 2014

Abarongoye ishirahamwe AIDBU barahakana ibiriko biravugwa n’amashirahamwe atandatu y’abarundi baba hanze ko habaye ugukumira mu gutumira muri rya huriro ry’abarundi baba hanze ririko ribera i Bujumbura.

Abarundi baba mu mahanga bahurikiye mu mashirahamwe atandatu yo mu Bufaransa, Suède, Norvège, Ubwongereza na Reta zunzubumwe z’Amerika basohoye itangazo biyamiriza ibikorwa vya rya huriro ry’abarundi baba hanze ririko ribera i Bujumbura. Muri iryo tangazo ahanini baratunga urutoke ishirahamwe AIDBU (Action International pour la Diaspora Burundaise) ko ari igikoresho c’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD, kuko mbere ryavyawe n’abarundi bo muri uwo mugambwe mu gihugu ca Norvège. Nk’uko tubikura muri iryo tangazo, abarongoye iryo shirahamwe AIDBU ntaho bigeze batorwa n’abarundi baba hanze kugira babaserukire, ahubwo bashizweho n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, igisata co mu gihugu ca Norvège. Oscar BUTARE, umwe mubasohoye iryo tangazo, akaba avuga ko aserukira abarundi bo muri Suède, amenyesha ko kuvuga ishirahamwe AIDBU riserukira abarundi baba hanze atarivyo na gato.

JPEG - 56 ko
Oscar BUTARE, umwe mubasohoye iryo tangazo, akaba avuga ko aserukira abarundi bo muri Suède

Iryo huriro rero kubwabo ntirihuza abarundi baba mu bihugu vyo hanze, ahubwo ni iry’abarundi bo muri CNDD FDD baba hanze. Abo barundi bavuga ko batatumiwe bariyamiriza ingene bakumiriwe na Reta muri ivyo biganiro, ku bwabo, ivyo bikerekana ko ari uburyo bwo guhuma amaso amakungu.

Legentil Japhet Ndayishimiye arongoye ishirahamwe AIDBU amenyesha ko AIDBU ihuza ibihugu 36, kandi ko atari umuntu aba umunywanyi ahubwo ni ishirahamwe riba umunywanyi. Kuvuga naho ko atatowe, Legentil Japhet Ndayishimiye amenyesha ko yatowe mu mwaka w’2012 akaba afise ikiringo c’imyaka itatu ishobora kwongerwa.
Icerekeye naco ko iryo shirahamwe ridaserukira abarundi baba hanze, ahubwo ko ari umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD, yishura ko AIDBU ihurikiyemwo bose kandi ko ata n’umwe ikumira.

JPEG - 48.5 ko
Legentil Japhet Ndayishimiye arongoye ishirahamwe AIDBU

Ku bivugwa naho ko hoba harabaye ugukumira mu gutumira, Legentil Japhet Ndayishimiye yishura ko ubutumire bwahawe bose biciye ku buserukizi bw’Uburundi mu bihugu barimwo, ubutumwa rero bwaciye ku mihora izwi, nk’uko Japhet Legentil abandanya abimenyesha. Ku bwiwe rero, abariko bakwiragiza ibihuha barondera ingorane aho zitari.


Floxella Karire

Messages

  • Ngobatumiye babicishije kubuserukizi??mbega kumusimukuru,wo kwikukira mwahora mubigeza gute kwabarundi bose baba babizi mwongera mubaterereza muvuga ko igihu,gikenye???unumusi ncaciye gituga??ibimenyesha makuru mwahora mucako vyari vyarugaye????:1-7-2015 barabarindiriye muzotamba mwirorera

  • reka naho mwoshaka mukareka kuryana amakungu yonyene arabona ibibera iwacu nayo namwe nimwiraramire hanze murye inkoko za bazungu amazosi n’amazuru avyimbe muze muraza muma vacances muhenda abantu, mbe nkayo mashirahamwe mugirira hanze amaze iki ? kwiyerekana ntakindi.

  • Ugwu ruhungu BUTARE Oscar ivyo rushikirije jewe ntibintangaza nagatoya,ukwasa niko nomuvyiyunviro vyiwe bimeze jewe ndamuzi neza no kwishure gwama ruri namacakubiri menshi,nabanyeshuri benewacu biswe arabizi neza kwabifisemwo uruhara!!,ahubwo abo bantu barabuze ihero ryumuti,ibikozwe ataribo babihagarikiye ntibigera bemera kwo bimeze neza,bama bashaka kwiterera imbere imisi yose,we butare muvyanka canke muvyemera igihugu kibandanya kirongowe neza caane!!!,tubumba mushaka kubimena,natwe tubamirira kure,muteshwe mute,muv’ibuzimu muje ibuntu,iyo nyifato yanyu nyiyubaka,kandi yarataye igihe.

  • Jewe nagomba menyeshe abarundi bose n’abanditsi b’iyi article ko ivyo abo baserukiraayo mashurahamwe yo hanze bavuze kuri AIDBU ni ukuri kwambayeubusa.Jewe mba muri Zambia kandi ntashirahamwe narimwe murayo ndimwo eka no kuyamenya ndayobonera ku mbuga za internet.Ako kajagari ko gucanishamwo abarundi baba hanze AIDBU yabigize ingendo ikoresha.Iyo diaspora ntushobora kugira ijambo utari uwo muri cndd-fdd canke ngo wemere kubajamwo.Ico ikora kibi n’uko yivanga no mubuzimabw’impunzi mukugomba kuzimenera ubufu.Mbere washaka n’ico gituma impunzi zitigera ziyiyumvamwo na rimwe.Aho kubaka abarundi irabasambura.Uwoshaka kumenya amakuru yayo y’imvaho yozobaza ababa mugihugu ca Zambia bakamubwira akajagari iyo AIDBU yateje mu Barundi baba ino kuva yitwa ngo irashinzwe.

  • Barundi, Barundikazi
    Jewe mbona kandi nkiyumvamwo ko abarundi duhakwa kwigayisha mu kwama dupf’ubusa. None abo bidoga canke bitwa ko batatumiwe, ni bangahe? bo batowe na bande? mbe izo ambassades zoba zibazi? Ku bwanje, iki kibazo, ni gitoyi cane. Ikihari, ni batenyenye kandi bibaze ico bokora cobatez’imbere nk’urya mupfasoni w’umurundi aba aux USA yateye irenga-renga none aherutse guterwa iteka no gushimirwa na Barack Obama. Kurabana mu kanwa canke kwam’umntu yidoze, siwo muti. Ikindi nibaza kandi ngirakamaro noterera kuko amaher’atayo, ni ukwirinda ivyiyumviro bibi cane cane bishimikiye ku macakubiri.

  • Rekandababwire ukotwebwe abarundi tubahanze yu Burundi tubayeho, Ndashaka kugerageza ngaburemwo imirwi 3 umurwiwambere ugizwe nabantu bashika nka 80/100 nabarundi batigera babangamira umuntu numwe mubikorwavyiwe nivyiyumviro abarimwo vyaba ivyomubihugu babamwo canke kubashobora kurondera imigambi yogukorera mugihugu camavukiro. Umurwi ugirakabiri ugizwe nabashika nka 15/100 aborero usanga bakunzekwiyumvira ivyobokorera mugihugu camavukiro nabadafise ubushobozi usangabifuriza ababishoboye kobobikora. Umurwi wagatatu ugizwe na 5/100 abobatanukwijanarero baragoye usanga ahobari bavugako atacobokorera mugihugu camavukiro hakiriho umugambwe CNDD FDD mbese ugasanga barazwinshinga nokwumviriza ko mu Burundi habayeho akantu kabi, nibabandibumvamengo uburundi bwofuma bufutwa ntibusubire kuvurwa kw’Isi nzima, iyohagize uwubabwirako hariho email yavuye muri Ambasade yu Burundi ivuga ibinibi uwugufuye agasoni arakwitabira akoresheje nkokunihira arikomuhejeje kuvana acatangura kubwirabantu abonye ngo muzininkuru uryantuzeya namenyeko arumu DD canke Imbonerakure, atibagiwe nokuvugako ukorana na leta yu Burundi, arinaho jewe ncanibaza ko kuba umu CNDD FDD kwaricaha? canke kubimbonerakure kwaricaha? cokimwe nokuganiriza/ kuganira numutegetsi arimuri leta yu Burundi kwaricaha!?. Rekandangize ndababwirako ahomperereye iryoshirahamwe rya ADIBU ndaryumvishamatwi sinzi ukoryabayeho ariko koryamazegutangura rizotebaridushikire abaritanguje nibakomeze kurivuga ntakibicaryo jewe ndaribonamwo kubarero ikintu utarakijamwo ntiwocubangabira abagitanguje/ abagitanguye, nabashoboye kubamumadini atandukanye sikotwese twagize uruhara rwokuyatanguza twayinjiyemwo dusanga yaratangujwe nabandi. Gusa iconabonye abakorera muma ambassade nkabose usanga bafise ubwitonzintagere barinze baronka ukwobashobora gu communicana nawe ntanakimwe baguhisha barakomeza kuguha amakuru yomugihugu makuru makuru nkakarorero ubahaye email baraheza makagushira mubobaribasanganywe maze mukubarungikira inkuru mwese babirungikira icarimwe ibisa.

  • muri gupfa ubusa naho ibindi namatakirangwe,gutumira no gutumigwa byose nikimwe, muyobewe ko Diaspora ari agakoresho kabari kututegetsi? none ngo ntimwatumiwe.badutumire hanyuma ngo duhave tumenya amabanga anyegejwe muri cndd fdd?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.