Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ishirahamwe BEKRIBU ryarateguye umunsi wahariwe Uburundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Ishirahamwe BEKRIBU ryarateguye umunsi wahariwe Uburundi

Ishirahamwe BEKRIBU ryarateguye umunsi wahariwe Uburundi

mardi 30 Mukakaro 2013

Ishirahamwe BEKRIBU asbl (Cercle Belge Des Amis du Burundi) ryarateguye kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 4 Myandagaro 2013 hamwe n’igisagara ca Anvers, umusi wahariwe Uburundi.

Inganda zo guhanahana iviyumviro ku Burundi zizotunganwa. Ariko rero, kuja muri urwo ruganda umwe wese azoba afise amafaranga y’abanyaburaya atatu. Kuri uwo musi uzoba ugizwe n’intambo zerekana akaranga k’abarundi, hazoba hariho n’umurisho w’ingoma, intambo hamwe no guhinga imishatsi kumwe abarundikazi babigira.

Ku vyerekeye umurisho w’ingoma udahara mu manza z’imico kama y’abarundi, umurwi ndangakaranga ugizwe n’abatimbo baba muri co gihugu nyene ‘’Urumuri’’ bo muri iryo shirahamwe BEKRIBU uzoronka akaryo ko kuvuza umurisho w’ingoma wo mu Burundi, ata handi uraboneka.

Umurwi ndangakaranga ‘’Umutsama’’ wo mw’ishirahamwe AFRIBEL nawo nyene uzoba wahishikiye.

Tubamenyeshe ko ivyo birori bizotangura isaha indwi z’umuhingamo, ahitwa Berendrecht Zandvliet-lillo


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.