Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ishirahamwe mpuzamakungu ryemeye gufasha u Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Ishirahamwe mpuzamakungu ryemeye gufasha u Burundi

Ishirahamwe mpuzamakungu ryemeye gufasha u Burundi

mercredi 9 Nzero 2013

Umushikiranganji w’imigenderanire no gufashanya Laurent Kavakure hamwe n’uwuserukira umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu mu Burundi Parfait Onanga Onyanga , barashize igikumu ku masezerano y’ishirahamwe mpuzamakungu araba ivyo iterambere kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 8 Nzero 2013 ku Burundi kuva mu mwaka wa 2012-2016.

Kubw’umushikiranganji Kavakure,ngo integuro y’ivyo birori vyo gushira igikumu kuri ayo masezerano vyerekana agateka n’agaciro ishirahamwe mpuzamakungu riha abanyagihugu bo mu Burundi ribicishije muri wa mugambi wa Reta wo kurwanya ubukene igice ca kabiri CSLPII. Ayo masezerano rero arimwo uwo mugambi wo kurwanya ubukene aje akurikira ayandi harimwo ayo kwemeza uwo mugambi yabaye mu kwezi kwa mbere mu mwaka uheze wa 2012.

Umushikiranganji yamenyesheje kandi ko Reta y’u Burundi inezerezwa no kubona ko amasezerano yo gufashanya n’ishirahamwe mpuzamakungu afise ico afasha izo mpande zibiri .Laurent Kavakure yamenyesheje ko Reta yiteguye gukorana neza n’ishirahamwe mpuzamakungu kandi ko bazokwubahiriza ivyasabwe n’ishirahamwe mpuzamakungu nko gukorera ku mugaragaro .

Kubwa Onanga Onyanga abicishije k’umushikirangaji w’imigenderanire yamenyesheje umukuru w’igihugu ko ishirahamwe mpuzamakungu rizobandanya gufasha reta y’u Burundi mu bijanye n’iterambere.

Kubwa Onanga kandi,ngo biciye muri uwo mugambi w’ishirahamwe mpuzamakungu wo gufasha mw’iterambere,ibigo n’imigambi y’ishirahamwe mpuzamakungu bikorera mu Burundi vyagomvye kuzana inyishu ku migambi iri muri wa mugambi CSLPII,yerekanwe mu nama y’abafasha u Burundi yabereye i Geneve mu kwezi kwa Gitugutu mu mwaka uheze wa 2012.

Twobamenyesha ko ibigo bishika 15 bikorera mu Burundi canke hanze y’u Burundi arivyo vyagiye hamwe kugira bitange iyo ngabire.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.