Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ishirahamwe ry’abadimudimu ( metis) ryatanze ingabire - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Ishirahamwe ry’abadimudimu ( metis) ryatanze ingabire

Ishirahamwe ry’abadimudimu ( metis) ryatanze ingabire

mercredi 9 Nzero 2013

Ishirahamwe ry’abadimudimu bo mu karere k’ibiyaga binini,ryaratanze ingabire y’ibitabo vy’igifaransa vyo mu mashuri y’intango, ayisumbuye hamwe na kaminuza ku bagendana ubumuga kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 8 Nzero 2013.

Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 8 Nzero 2013, ishirahamwe ry’abadimudimu bo mu karere k’ibiyaga binini riri kumwe n’ishirahamwe ry’abafaransa « Livres Sans Frontieres» baratanze ingabire ku bagendana ubumuga mu ntumbero yo kworohereza abagendana ubumuga kuronka ubumenyi.

Iyo ngabire ikaba igizwe n’ibikarato ijana vy’ibitabo vy’igifaransa vyo mu mashuri y’intango,ayisumbuye hamwe na kaminuza.Iyo ngabire rero ikaba izofasha gushiraho amasomero y’ibitabo mu bigo bibiri vy’abagendana ubumuga RAHB na RCPHB.

Ayo masomero akaba azohuriramwo abanyeshure bo mu mashuri y’itango n’ayisumbuye,abagendana ubumuga n’abatabugendana mu ntumbero yo kugira abo bamugaye babone ko ari abantu nk’abandi.

Kubwa Issa Niyongere arongoye ishirahamwe ry’abadimudimu mu karere k’ibiyaga binini,ngo ivyo babigize mu ntumbero yo kurondera ikintu cohuza abamugaye n’abandi kugira babone ko ari nk’abandi kandi babone ko nabo boshobora kugira ico baterereye ku neza y’igihugu.

Cassien Bizabigomba arongoye kandi aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe RAPHB,yaramenyesheje ko anezerewe kubwo ingabire yatanzwe n’ishirahamwe ry’abadimudimu.Akaba yamenyesheje ko iyo ngabire izofasha abana bagendana ubumuga kurondera no kuja ku rugero rumwe n’abandi bana mu mashuri.

Umushingantahe Cassien yarangije abasaba ko igihe bosubira kubafasha bobaronsa ibitabo bikoreshwa n’abatabona,abatumva hamwe n’abagendana ubumuga bwo mu mutwe.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.