Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ishirahamwe ry’abagendesha ama pikipiki AMOTABU ishavu riraniga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Ishirahamwe ry’abagendesha ama pikipiki AMOTABU ishavu riraniga

Ishirahamwe ry’abagendesha ama pikipiki AMOTABU ishavu riraniga

mercredi 27 Ruhuhuma 2013

Mw’ikete bandikiye umukuru w’igisagara ca Bujumbura igenekerezo rya 25/02/2013, abarongoye ishirahamwe ry’abunguruza abantu ku ma pikipiki AMOTABU bamumenyesheje ko bahagaritse gutanga ikori ry’amafaranga 500 y’amarundi umwe wese yahora atanga ku munsi.

Imvo banditse mur’iryo kete, ngo nuko hibonekeza akajagari n’umutekano muke biturutse kw’itangwa ry’ayo mafaranga. Ariko neza na neza imvo nyamukuru s’iyo nkuko bimenyeshwa n’umukuru w’iryo shirahamwe twaganiriye. Kubwa Romain Mbazumutima, ngo amafaranga atozwa batazi iyo aja gushik’ubu. Ayo mahera akaba atozwa na Mairie ya Bujumbura. Ariko rero kubw’umukuru wa AMOTABU, iki kibazo c’aya mahera bariko bagishiramwo politike. Ni nayo mpamvu ngo baca barondera kuja barakura abatwara iryo shirahamwe kugira bahashire uwo bavuga rumwe, atazoza kubakoroga ngo ababuze gukoresha uko bashatse amafaranga atangwa n’amagendesha amapikipiki yunguruza abantu.

JPEG - 60.7 ko

Romain Mbazumutima amenyesha ko vyose vyatanguye mu mwaka w’i 2009. Abagendesha ama pikipiki yunguruza abantu barapfa cane biturutse kuma sanganya yo mu mabarabara. Baca bumvikana ko bobatoza amafaranga amajana ane (400) ku munsi. Amajana abiri (200) yar’ayo gufasha abagendesha amapikipiki atakazi bagifise, ijana (100) rigafasha kujana kwa muganga abagize impanuka mw’ibarabara, irindi jana bakarikoresha mu kugura ibikoresho vyo mu biro. Ariko ivyo ngo vyamaze amezi ane gusa. Ngo mu nyuma, Mairie ya Bujumbura yaragize ibishoboka ishiraho uwubayoboka yitwa Désiré Nduwimana. Ngo ahashitse, yaciye ategeka ko hatozwa amafaranga amajana atanu (500) ku munsi, no ku muntu. Ngo kuva ico gihe, i compte yo mw’ibanki icako ayo mafaranga yar’izwi n’abarongoye igisagara ca Bujumbura na Désiré Nduwimana gusa. Uwu nawe abagendesha ama pikipiki ngo baratevye baramwiyamiriza baramukura, ariko abarongoye igisagara ca Bujumbura babandanije batoza ayo mafaranga. Ubu AMOTABU ikaba ata biro ikoreramwo ifise kubera ayo mafaranga atabashikira.

Romain Mbazumutima amenyesha ko mu gihugu cose c’Uburundi hari abagendesha amapikipiki yunguruza abantu barenga ibihumbi cumi na bitandatu (16.000), umwe wese agatanga amafaranga amajana atanu (500) ku munsi yo kubugurira ipikipiki y’iwe. Bisigura ko ku munsi, bose hamwe batanga imiliyoni umunani mu mafaranga y’amarundi (8.000.000) ku munsi. Amafaranga abagendesha amapikipiki bagiriza abarongoye igisagara ca Bujumbura ko batabona ico bayakoresha.

Abatwara AMOTABU basaba abarongoye Mairie ya Bujumbura kureka kw’isuka mw’itunganywa ry’ishirahamwe ryabo, hamwe no kwerekana uko bakoresha amafaranga atangwa n’abagendesha ama pikipiki.

Abarongoye Mairie ya Bujumbura iryo kete ntaco bararivugako gushik’ubu.


Jean Claude Bitsure

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.