Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ishirahamwe ry’ubucuti hagati y’u Burundi n’u Bushinwa ryaranguye vyinshi mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Ishirahamwe ry’ubucuti hagati y’u Burundi n’u Bushinwa ryaranguye vyinshi mu (...)

Ishirahamwe ry’ubucuti hagati y’u Burundi n’u Bushinwa ryaranguye vyinshi mu mwaka w’2012

lundi 21 Nzero 2013

Kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 19 Nzero 2013,abanywanyi b’ishirahamwe ry’ubucuti hagati y’u Burundi n’u Bushinwa (ASIBU),barakoranye mu ntumbero yo kwihwereza hamwe ivyaranguwe n’iryo shirahamwe mu mwaka uheze wa 2012,bongera bashira k’urutonde ibizokorwa mu mwaka w’ 2013.

Nkuko vyamenyeshejwe n’umukuru wa ASIBU,umukenyezi Rose Ndayiragije ngo iryo shirahamwe ryararanguye ibitari bike mu mwaka uheze w’ 2013.Muri ivyo,hakaba harimwo uko bafashije mu gikorwa co kuzana abahinga b’abashinwa bafashije mu kwigisha urwaruka rwagize ivyo bita movement d’ensemble mu gihe u Burundi bwahimbaza imyaka 50 yari iheze buronse intahe yo kwikukira.

Nayo mu bizorangurwa mu mwaka uza w’2013,umukuru wa ASIBU yamenyesheje ko bategekanya gusaba igihugu c’u Bushinwa kwakira abagira imyimenyerezo mu bijanye n’akazi mu gihugu c’u Bushinwa.

Ibirori bikaba vyarangiye abari bitavye ivyo birori basangira akarahuri mu ntumbero yo kwipfurizanya umwaka mwiza w’2013.


Sylvere Bavumiragiye

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.