Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ivyagirizwa Rwasa Agathon abifata nk’ibiharuro vya politike - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Ivyagirizwa Rwasa Agathon abifata nk’ibiharuro vya politike

Ivyagirizwa Rwasa Agathon abifata nk’ibiharuro vya politike

vendredi 13 Nyakanga 2013

Inyuma y’aho impunzi z’abanyamulenge zishingishirije urubanza bagiriza Rwasa Agathon ubwicanyi bwo mu Gatumba bwahitanye abanyamulenge 160, sentare ntahinyuzwa yamenyesheje ku munsi w’ejo ko amatohoza yatanguye kuri uwo yahora arongoye umugambwe FNL (Forces Nationales de Libération) bamwagiriza ivyaha vy’agahomerabunwa. Rwasa Agathon amenyesha ko ata yindi ntumbero bafise atari ugushaka kumuburabuza.

Agnès Bangiricenge, umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa yaremeje ku munsi w’ejo kuwa kane igenekerezo rya 12 Nyakanga 2013 ko amatohoza yatanguye kuri Rwasa Agathon na Pasteur Habimana yahoze ari umuvugizi wiwe. « Ivyaha vy’ubwicanyi bwo mu Gatumba ntibirimwo mu kigongwe c’agateganyo bompi bafise nk’abahoze ari abarwanyi mu Burundi.»

Muri ayo majambo y’umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa, Rwasa Agathon abonamwo ibindi "biharuro vya politike" ata kindi bigamije atari kumukura ku rubuga rw’abahiganwa. Kubwiwe, "umurwi mpuzamakungu niwo wonyene uzoshobora gukora amatohoza, gutyo ivyaha vyakozwe mu ntambara bishobore gutandukanwa, hamenyekane ivyaha vyo mu ntambara, ivyaha vy’ihonyabwoko hamwe n’ubwicanyi bw’agahomerabunwa"

Namba vy’ukuri ubutungane bwari bufise ubwo bushobozi bwo gutanguza ayo matohoza, Agathon Rwasa atangazwa n’ingene ubutungane bw’Uburundi bwarindiriye iyo myaka yose, kuva mu mwaka w’2008 avuye mw’ishamba. "Ubwo ni uburyo bwo kuntoteza kuko nsanzwe nerekana ibitagenda neza mu ntwaro y’ubutegetsi buhari."

Ku kibazo c’uko umwanya uwari wose ashobora gutabwa mu mvuto, Rwasa Agathon amenyesha ko atazoba uwa mbere arenganijwe mu Burundi. Ariko rero yibutsa ko abariko barabikora bomenya ko atariyo nyishu y’ibibazo bihari. "N’abandi barundi ntibazokwama bemera akarenganyo bakorerwa, ahubwo nyabuna ubutungane nibwikubite agashi, bukorere ineza y’abanyagihugu mu bwigenge, budatinya igitsure c’abatwara."

Aho hari mu kiganiro Rwasa Agathon yahaye abamenyeshamakuru mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu, ku rugo iwe. Twobibutsa ko igihe yariko atanga ico kiganiro, abapolisi isinzi bari bakubise harazima, haba mu rugo iwe no hanze. Abo bapolisi bashatse guhagarika ico kiganiro, ariko ntibabishikako kuko ata n’umutahe bari baje bitwaje.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.