IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > theatre > Ivyari ku rutonde rw’isabukuru "Buja sans Tabou" vyose vyarakozwe

Ivyari ku rutonde rw’isabukuru "Buja sans Tabou" vyose vyarakozwe

lundi 10 Ruhuhuma 2014

Isabukuru Buja sans tabou yarimaze iminsi iriko ibera mu bibanza bitandukanye vyo mu gisagara ca Bujumbura, yaraye isozewe n’igiteramo c’agakura ca kozwe n’umurwi wa Lion Story.

Isabukuru yari yateguwe n’umurwi ukina «théâtre» «La troupe lampyre» urongowe na Freddy Sabimbona yaraye isozerewe inyuma y’iminsi 4 iriko ibera mu kigo c’Abafaransa «IFB», kuri Sabemeli, kuri Buj’Art no mu kigo c’urwaruka co mu Kamenge «CJK». Iyo sabukuru yasozerewe n’igiteramo cakozwe n’umurwi wa Lion Story wari usanzwe uri ku rutonde rw’imirwi yari itegekanijwe gufasha muri iyo sabukuru yabaye iya mbere mu Burundi.

Lion story, mu mudiho wa Reggae, indirimbo zitanga iciyumviro kirashe batarya umunwa mu kuvuga ibitagenda neza, bongera berekeza ku ciyumviro nyamukuru c’isabukuru «Buja sans tabou», babigiriye kuri Sabemeli kuri uwo w’Imana w’igenekerezo rya 09 Ruhuhuma 2014.

Tubibutseko, iyo sabukuru yari yateguwe mu ntumbero yo gutanga inzira yo kuvugira ku mugaragaro ivyo Abarundi bahora bakorako bagasha kandi vyari bikenewe kuvugwa, hamwe no kwereka amakungu ko Abarundi bazi ibijanye na Théâtre. Muri iyo ntumbero, imirwi ya théâtre ivuye mu gihugu c’Urwanda, muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo no mu gihugu c’Ubufaransa, hamwe n’umurwi wo Burundi «Troupe Pili-Pili», Kigingi, tutibagiye Comedy Night Company bo mu Rwanda bamwe batwenza, abo bose bari batumiwe kuremesha isabukuru.

Nk’uko vyari bitegekanijwe, urutonde rw’ivyari vyateguwe gukorwa vyarakozwe. Iyo sabukuru ikaba ibaye iya mbere, ariko ikazokwama iba ku mwaka ku mwaka.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.