Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Ivyatandukanije inziraguhemuka ni bike ugereranije n’ivyabahuza" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > "Ivyatandukanije inziraguhemuka ni bike ugereranije n’ivyabahuza"

"Ivyatandukanije inziraguhemuka ni bike ugereranije n’ivyabahuza"

jeudi 17 Gitugutu 2013

Mu kiganiro catunganirijwe abanyagihugu n’inziraguhemuka zo muri Sahwanya Frodebu, imbere y’iminsi ine gusa ngo hibukwe imyaka 20 umukuru w’igihugu wa mbere yitorewe n’abanyagihugu agandaguwe, abatanze ikiganiro yaba umukenguzamateka Ntibantunganya Sylvestre yahoze arongoye Uburundi, yaba Léonce Ngendakumana arongoye umugambwe wa Ndadaye, bose bagarutse ku bwicanyi bwakorewe Ndadaye Melchior ndetse bwari bufise intumbero yo guhagarika intwaro rusangi yari yatowe n’abanyagihugu mu matora yo mu mwaka w’1993.

Ku bwa Ntibantunganya umwe mu bagendanye na Ndadaye, amenyesha ko inyuma y’igandagurwa ry’iyo ncungu y’intwaro rusangi mu Burundi, intwaro rusangi naho yagiye iracumbagira ariko itigeze igenda akagirire, ndetse ari naco gituma imigambwe ifashanya na CNDD-FDD mu kurongora igihugu nka Uprona n’ubu bavuga canke bigisha intwaro rusangi.

Ntibantunganya akaba yipfuje ku bwiwe ko bamwe mu bo bafashanije na Ndadaye kuronderera intwaro rusangi igihugu bari kuba ariho bari kugira bafashanye gusigurira urwaruka imigambi ya Ndadaye yanigiwe mu menshi inyuma y’amezi atatu gusa. Muri abo benshi bakaba baramaze kuja mu yindi migambwe, abandi nabo bakaba batagicana uwaka na Sahwanya Frodebu, abandi baracari muri uyo mugambwe. Muri abo akaba yadondaguye nka Augustin Nzojibwami, Yohani Minani arongoye Frodebu Nyakuri iragi rya Ndadaye, Domisiyano Ndayizeye umukenguzamateka yahoze arongoye igihugu na Léonard Nyangoma arongoye CNDD, mu gihe abandi nka Jean Marie Ngendahayo we ariho yari.

Eka yipfuje n’ukwo abari mu mugambwe uri ku butegetsi bari kuba bahari, mu gihe nabo nyene benshi bavuye muri uyo mugambwe Frodebu. Ntibantunganya akaba avuga ko yipfuza ko abavuye bose muri Frodebu, na cane cane abafashanije na Ndadaye kuronderera intwaro rusangi Uburundi, ko bohura bakarabira hamwe ivyabatandukanije, ku bwiwe abona ko ari bike cane, ugereranije n’ivyabahuza. Aremeza neza ko bamwe batandukanijwe n’ubukunzi bw’inda, ukutabona kure mu vya politike, ugukengerana, n’ibindi.

Muri ico kiganiro cari citabwe na bamwe mu baserukira ibihugu vyabo mu Burundi, abari mu mashirahamwe akuyrikirana ivy’amatora, urwaruka ruhurikiye mu mugambwe Frodebu, bamwe mu bari mu migabwe iri muri ADC Ikibiri, na bamwe mu bahoze ari indongozi nkuru z’igihugu bava mu mugambwe Frodebu ukiramutswa igihugu, umukuru w’umugambwe Leonce Ngendakumana akaba yabashimiye ndetse amenyesha ko inziraguhemuka yose aho iri yobandanya irwanira intwaro rusangi ko ari ejo, canke hirya y’ejo, ivyiyumviro vya Ndadaye abavyitiza mu gukora ibitaroranye, bazoteba bakabura ikibanza, maze ivyiyumviro vy’ukuri vy’uyo mu nyacubahiro bikaronka agaciro bikwiriye.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.