Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Ivyo gufasha abakenyezi bahohotewe vyari bikwiye gukorerwa mu kibano atari (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > "Ivyo gufasha abakenyezi bahohotewe vyari bikwiye gukorerwa mu kibano atari (...)

"Ivyo gufasha abakenyezi bahohotewe vyari bikwiye gukorerwa mu kibano atari mu bigo"

mardi 29 Ndamukiza 2014

Gushira abakenyezi mu bigo biharanira agateka k’abakenyezi birashimwa n’imvukira zo mu ntara ya Kirundo, ariko rero bakavuga ko bikwiye ko ibikorwa vyo kubafasha bitunganywa ukundi, kuko uko bimeze ubu bitosekaza umubano mwiza hagati mu miryango.

Nk’uko bivugwa na Alice Mukandanga arongoye ishirahamwe Green Bugesera Cooperative asanzwe ari imvukira yo mu ntara ya kirundo, amenyesha ko bashima ibikorwa vy’ibigo bifasha abakenyezi baba bakubaguwe. Ariko avuga ko baravye imico y’abarundi n’abanyabugesera, rimwe na rimwe n’abakenyezi bashobora guhohoterwa vy’abavuyeko bikwezwe n’akaborerwe canke izindi ngeso mbi. Igica kiba nk’uko Mukandanga Alice abandanya abishikiriza, n’uko iyo uwo mukenyezi akubiswe yitura ivyo bigo bikamuraza, bikamuvuza ,bikamwambika , bikamufungurira , ariko inkwirikizi zo mu mihana ziba nyinshi kuko ivyo bigo, usanga bikorera kuri uwo mukenyezi gusa aba yavyituye aho gukorera ku muryango wose, vyumvikana ko uwo mukenyezi mu gihe asubiye mu rugo badateka bishe be n’umugabo wiwe, baca barabana ay’ingwe.

Muri abo bakenyezi rero , hari abasiga imicuko muhira hari n’igihe umugabo aba atifashe neza. Biratuma kandi imiryango canke nyene abo bakenyezi batacitwararika kubungabunga ingo zabo kuko bazi ko hagize n’agakoma baca birukira muri ivyo bigo.
Iyo mvukira muri iyo ntara ya kirundo, ivuga ko ivyo bigo vyari bikwiye kurondera ukuntu bifata mu mugongo abo bakenyezi ariko bakabafashiriza mu kibano.

Asaba ko hobaho ikintu c’inyigisho mu kibano bumvishe imiryango , ababanyi , abategetsi bo hasi mu ntwaro hamwe n’abaremeshakiyago, uko bokwifata mu gutabaza mu gihe habaye izo ngorane kuko na kare ayo mashirahamwe ntazokwamaho.


Floxella Karire

Messages

  • EGO ME NIBIKORERWE MU KIBANO NIHO N UMUKENYEZI YOKUBAHWA KANDI NAWE AKIHANURA IYO ASANZWE ARI IMBORERWA N AYANDI MABI ..KUKO MU KIRUNDO HARI AMABI MENSHI KANDI IVYO BIGO NI STYLE YA BULAYA NA AMERIKA..

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.