Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Izimangana ry’abana mu Burundi ririko riragabanuka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Izimangana ry’abana mu Burundi ririko riragabanuka

Izimangana ry’abana mu Burundi ririko riragabanuka

samedi 25 Rusama 2013

Uko umwaka utashe, amakungu yama ahimbaza umunsi mukuru wahariwe kwibuka abana bagenda amazimayongwe, hakabura irengero ryabo. N ’uyu munsi w’igenekerezo rya 25 Rusama 2013, uyo munsi uriko urahimbazwa ku mpande zitandukanye z’isi.

No mu gihugu c’Uburundi rero, bivugwa ko iryo zimangana ry’abana bava mu miryango iwabo bakagenda ntihamenyekane iyo baroye ririho, ariko ng’iryo zimangana ritumwa n’imvo nyinshi zitandukanye, kandi ubu iryo zimangana ntirigikaze cane nka kera.

Hari abana bata imiryango yabo, bakagenda mu zindi ntara kurondera ubuzi canke bagatwarwa n’abantu bakuze kugira baje kubaha ubuzi butandukanye bwo muhira, ugasanga abo bana bakora ibikorwa vyinshi, bamwe bagahendeshwa intica ntikize y’amafaranga canke bagakorera indya, kenshi hari naho abo bana batibuka iyo baje bava, maze bakaguma iyo, abavyeyi babo bakibaza ko umwana wabo atakiriho.

Hari n’abandi bana bata bakomoka kubera inzara, maze bakaja kwibera mu bisagara bitandukanye vy’Uburundi, abavyeyi babo batazi iyo umwana yaroye, n’iyo uyo mwana yokwipfuza gusubira i muhira iyo yaje ava akabura itike ryomusubizayo. Abana bayerera mu gisagara ca Bujumbura twavuganye, benshi bavuga ko batigeze basezera abavyeyi babo mu kuza kwibera mu gisagara kuko batinya ko bobabuza, kandi ko n’ubu abavyeyi babo ntibatazi iyo bari, abandi bakavuga ko bazimiranye n’ababo mu ntambara Uburundi buhitiyemwo, gushika ubu bakaba batazi namba abavyeyi babo boba bakiriho canke ko boba barapfuye. Abandi bana batumenyesheje ko baje kwibera i Bujumbura inyuma y’uko abavyeyi babo bitabiye Imana, mu nyuma bakabura uwosubira kubarera.

Uyu munsi ushitse mu gihe mu Burundi hariko harategurwa amatora y’abagiye kuzorongora ihuriro ry’urwaruka. Abatunganije ayo matora, baripfuje cane ko n’abana bo mw’ibarabara bokwitoza mu ntumbero yo kuzoronka aho bashobora guskhikiriza ibibibagora mu buzima bw’abo butoroshe basanzwe babayemwo, ndetse n’ivyiyumviro vy’abo bitandukanye.

Ariko rero mu gihugu c’Uburundi ukuzimangana kw’abana kuriko kuragabanuka kuva aho igihugu kiviriye mu ntambara, ndetse n’amashirahamwe ajejwe agateka ka zina muntu n’akabana, agafata ingamba zikomeye mu ntumbero yo guharanira agateka k’uwariwe wese n’akabana karimwo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.