Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
JJB : Umunyeporitike mwiza si uwutuma urwaruka gutana mu mitwe no gusesa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > JJB : Umunyeporitike mwiza si uwutuma urwaruka gutana mu mitwe no gusesa (...)

JJB : Umunyeporitike mwiza si uwutuma urwaruka gutana mu mitwe no gusesa amaraso

lundi 22 Ruheshi 2015

Ishiramwe Jumelage Jeuneusse Burundi(JJB) ribicishije mu mugambi waryo SANGWA AMAHORO, ryaratunganije ikiganiro hagati y’urwaruka rutandukanye, kandi rudasangiye ivyiyunviro vya Poritique,mu ntumbero yo kwiyumvirira hamwe ingene urwaruka rwoja hamwe mu kwubaka igihugu.

Ico kiganiro caremeshejwe n’umuhinga mu nyigisho zo gukunda igihugu Asher Niyonizigiye, kuri uyu wa 20 Ruheshi 2015. Abatumire bakaba bari urwaruka ruhurikiye mu migambwe itandukanye ariko bakiriwe mu migwi ibiri. Aha twovuga abahurikiye mu muhari w‘imbonerakure hamwe n’abamaze iminsi bari mu myiyerekano.

Urwaruka rugira imyiyerekano rwaseruye ivyiyumviro bitandukanye bijanye n’uko rubona ibihe vya porique uburundi busanzwe burimwo, kandi mu ntango z’ico kiganiro nk’uko vyaboneka, wamenga abitavye baratinyana, ariko ikiganiro carangiye, bose banezerewe biyemeje umwumwe wese aho aherereye gutangura kwubaka igihugu.

Ku bwa Asher Niyonizigiye, yemeza neza ko ubu urwaruka rwatahuye ko kazoza k’igihugu kazovana n’ingene rwo nyene rukoze, kandi umunyaporitike mwiza ari uwuzotuma igihugu gitera imbere atari uwutuma urwaruka gutana mu mitwe no gusesa amaraso. Asher Niyonizigiye asaba kandi urwaruka kwihangana hamwe ikizova mu matora kitorunezera , bivanye n’umwe wese aho ahagaze.

Tubibutse ko ishirahamwe Jumelage jeunesse Burundi ririko rikorera mu ntara zitandukanye z’igihugu c’Uburundi, mu ntumbero yo guhuza urwaruka rudasangiye ivyiyumviro vya poritique ribicishije mu mugambi SANGWAMAHORO.


Bill Nkurunziza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.