Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kanyosha: Abayoboke ba Rwasa baraye bazibiwe utuyira - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Kanyosha: Abayoboke ba Rwasa baraye bazibiwe utuyira

Kanyosha: Abayoboke ba Rwasa baraye bazibiwe utuyira

dimanche 27 Gitugutu 2013

Ubuyira bwose buja mu mihana ya bamwe mu banywanyi ba FNL bakiyoboka Agaton Rwasa mu Kavumu, muri Kanyosha rural, bwaraye bwugawe, buzibijwe ibiti. Amakuru atangwa n’abanyagihugu, tukayakura kw’isanganiro, avuga ko abakoze ivyo ari abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD.

Abo banyagihugu bavuga ko babaye mu bwoba budasanzwe kuva Agaton Rwasa asubiye kuja ahabona, bavuga ko ababugariyeko utuyira twinjira mu mihana iwabo, bari banitwaje inkoho zo mu bwoko bwa kalashnicov. Urwaruka rw’imbonerakure rwagirizwa ivyo, ruvuga ko rurarira kugira Rwasa Agaton ntasubire kugenda. Abo banyagihugu kandi bamesha ko uwahirahiriye agasohoka, yakubiswe izi nzoka, naho yoba ari umunywanyi wa FNL canke uwundi uwariwe wese, afashwe asohotse mw’ijoro.

Iyo komine ya Kanyosha ikaba igima ivurwamwo ukutihanganiranira mu vya politike, mu gihe inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2010, ariyo komine yabonetsemwo abantu bagiye baritaba Imana bazira izo mvo za politike. Tukabibutsa ko abanywanyi b’umugambwe FNL na ba CNDD-FDD bose bagiye barahitanwa n’ukwo kutihanganiranira mu vya politike.


Aristide Nizigire

Messages

  • None abo bagirivyo biyumvira ko twese tuzoherera kumugambwe uri kubutegetsi?ndibaza abo biyumvira uko biyumvira nabi nibateshwe bate ahubwo bemere inzira yibiganiro

  • Bahereye kuva kera kandi ngo ntawabaye umuhizi ataciye mubikomeye naho bozibira bakugara bagasubira canke bakica bose ntibazobaheza rero mbagirinama ko abo kakora ubube gito nkubwo ko bobireka bakareka guhendwa nabategetsi

  • urihendashpa,retazimfatakibanzatwarayirenganye.ntabiganirobikenewekukontanzuirimwirasha.rwasanawe"uti"Baraguhenzengwinkondiravoma:

  • Rwasa easy tiragushigikiy...komera

  • huyu mushingantahe. ikintu agomba kurondera numukenyezi, ubundi akaba Gakuru.aho twitwa gaton. ntamugwabwe umwe rukumbi??

  • basha CDD FDD irabesha nireke ubwoba kuko rwasa ntacaha arakora ahubwo nibareke atware nakare yaratwe amajwi barayiba rero ubu bafise ubwoba cane yuko arotwara rwasa obama mumureke atware mukure ubwoba igiti ntikikukora mujisho kabiri ni bakure ubwoba rwasa aratwara imyaka irimbere ok.

  • abo bakora ivyo ntibibazeko babigirira abana ntawuhorahoyabaye kandi : uwutazi akanuka yisegura inyo!!

  • Abarundi ivyiyunviro vyacu vyaranyobey twigira ngo turasenga imigere ibiri ntitereka iyo poritike ya president Imana izoyimubaza ivyo sivyiza Imana imuhe kwihana .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.