Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kayanza : Abarwaye kwashi baritaweho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Kayanza : Abarwaye kwashi baritaweho

Kayanza : Abarwaye kwashi baritaweho

jeudi 25 Mukakaro 2013

Mu ntara ya Kayanza havurwa ubukene bw’ugufungura nabi, ivyo navyo bikaba bibangamira abana bakiri bato. Ibitaro vy’intara ya Kayanza bikaba bigerageza gufata mu mugongo abo bana bagishikanwa mu bitaro, aho baronswa amata nk’ikiringo c’indwi zibiri.

Génève Ishoboravyose afise imyaka itatu nk’uko bivurwa n’umuvyeyi wiwe, kandi ndetse uyo mwana akaba yavukanye amagara meza. Ubu amaze umwaka wose afise indwara ziva ku gufungura nabi. Umuvyeyi wiwe avugako yatanguye kubona umwana vyanka ko afungura, haheze iminsi aca abona atanguye ku vyimba umubiri wose, cane cane amatama. Umuvyeyi w’uyo mwana avuga ko atazi ico iyo ndwara yoba yaravuyeko, kuko akora ibishoboka vyose kugira abana biwe babeho neza. Ariko uyo muvyeyi aremeza ko mu karere aherereyemwo abana benshi bakunda gufatwa n’iyo ndwara.

Uwushinzwe igikorwa c’ukwitaho abafise ingorane z’ugufungura nabi muri iyo ntara ya Kayanza, avuga ko baronka abana benshi baba bafise izo ngorane. Abandanya avuga ko ivyo biva ku bukene buri mu miryango imwe imwe. Ikindi ni ukwo hari n’iyindi miryango usanga abagabo bagenda, bagata urugo, aho ugasanga umugore niwe asigaye aronderera abana wenyene. Karorina Nsabimana avuga ko umugabo wiwe yamusigaranye abana batanu. Abandanya avuga ko ataburyo afise bwo kubaronderera imfungurwa, ari naco gituma umwana wiwe w’umukobwa afise imyaka itanu, afise ingorane y’ugukura bivanye n’ingorane y’ugufungura nabi.

Uwushinzwe igikorwa c’ukwitaho abo bana mu bitaro bikuru vy’intara ya Kayanza, avuga ko abo bana bamaze gushikanwa ku bitaro, bibitabwaho mu kubaha amata bita F-75, ayo nayo bakayabaha ukwo haheze amasaha ane. Ikindi ni ukwo abaganga baguma baraba ko indwara ya kwashi iriko iragabanuka mu mubiri w’umurwayi.
Iyo rero bigaragaye ko iyo ndwara itanguye kugabanuka mu mubiri w’umurwayi, baraheza bakamushira ku mata yitwa F-100.

Ayo mata rero asanzwe atangirwa kwa muganga kandi akaba arimwo intungamubiri z’ubwoko bwose. Haheze igihe, umwana aca atanguye gufungura imfungurwa z’ubwoko bwose, muri ico gihe umwana aba yakize. Ico gisata rero kikaba gifasha abavyeyi mu kubigisha ukwo bagaburira abana babo, kugira babakingire izo ndwara ziva ku gufungura nabi, kandi zisanzwe zibangamira cane abana bakiri bato bo muriiyo ntara ya Kayanza.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.