IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amagara y’abantu > Prosper MUYUKU:“ ibice 14 kw’ijana vy’abana barapfa kubera kudakaraba amaboko (...)

Prosper MUYUKU:“ ibice 14 kw’ijana vy’abana barapfa kubera kudakaraba amaboko n’isabuni.”

Friday 26 October 2018, by vianney

Ivyo yabishikirije mu ruganda ico gisata c’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kugwanya Sida catunganije ku bamenyeshamakuru mu kwitegurira umusi mpuzamakungu wahariwe gukaraba n’isabuni mu ntumbero yo kubasaba kugira bafashe guhimiriza abanyagihugu kumenya gukaraba n’isabuni mu gukinga amagara yabo ntasinzikare .

Prosper MUYUKU yavuze ko umugirwa wo gukaraba n’isabuni utaratera imbere kuko hacibonekeza indwara zandukira bivuye kukudakaraba kandi zigahitana ubuzima bw’abantu.

Uyo arongoye ico gisata kijejwe isuku n’amazi meza murubwo bushikiranganji avuga ko abantu bakwirikije amategeko ajanye no gukaraba n’isabuni vyofasha kugira ubuzima bw’abana basinzikazwa n’ingaruka zo kudakaraba ntibuhungabane.
Prosper MUYUKU avuga ko abantu bakwiye gukaraba n’isabuni iyo bavuye ahantu hariho hose kuko dufise umugenzo wo kuramukanya ariko bakwiye gukaraba na cane cane mu biringo 5 bikomeye arivyo imbere yo kurya,imbere yo gutegura imfungurwa,imbere yo kwonsa umwana,inyuma yuwuvuye mu kazu ka sugumwe hamwe n’inyuma yuwuhejeje gusukura umwana avuye ku mwanda mukuru.

Prosper MUYUKU asaba abantu bose baba abigisha mu mashure,abajejwe intwaro batandukanye,abakuru b’amashengero gufasha guhimiriza abantu kugira bijukire gukaraba n’isabuni murivyo bihe bikomeye kugira bifashe gukinga ingwara ata buryo burinzwe gukoreshwa.

Umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe gukaraba amaboko n’isabuni wama uhimbazwa kw’igenekerezo rya 15 Gitugutu buri mwaka ,uyu mwaka wa 2018 mu Burundi ukazohimbazwa kw’igenekerezo rya 30 Gitugutu muri komine Tangara mu ntara ya Ngozi.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.