IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Umwana umwe arapfa uko iminota ibiri iheze kubera Malaria

Umwana umwe arapfa uko iminota ibiri iheze kubera Malaria

mardi 17 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Iyo nama ifise intumbero n’ukurabira hamwe rero ingene bohagarika ingwara ya malaria ihitana abantu ibihumbi 400 ku mwaka kandi n’ubu ikibandanya, nk’uko bishikirizwa n’ishirahamwe mpuzamakungu OMS ryitaho amagara y’abantu kw’isi.

Inyuma y’imyaka mirongo ibiri iyo nama ibaye, abahinga bazokwigira hamwe aho ubuhinga bugenze mu ruganda rwo kwirinda iyo ngwara, ingene bayivura kandi naho bigeze kugira rwa rucanco rwa Malaria rurindiranywe igishika rubeho canke ruje ku mugaragaro.

Abitavye inama bazorabira hamwe kandi icokorwa kugira batuze burundu ingwara ya malaria kw’isi yose, cane cane muri Afrika yo munsi ya sahara, naho muri ako karere basa n’abateye intabwe muri ino myaka iheze, nk’uko bishikirizwa n’abatunganije iyo nama

Mu cegeranyo ca nyuma giheruka gusohoka, ishirahamwe mpuzamakungu OMS ryitaho ibijanye n’amagara y’abantu kw’isi rivuga ko naho habaye intambwe mu bijanye no kurwanya ikiza ca malaria, ntanguvu nyinshi zigikoreshwa mu kubandanya gukurikiranira hafi iyo nama.

Mu 2016 abantu imiriyoni 216 nibo bagiriwe rusansuma bari kwa muganga bagwaye iyo ngwara ya malaria, ni ukuvuga ko hongeyeko imiriyoni zitanu ugereranjie n’umwaka w’2015 kandi muri abo, 90 kw’ijana bari abo muri Afrika iri munsi ya Sahara.

Umwana umwe aricwa n’ingwara ya Malaria uko iminota ibiri iheze, ku bw’abo batunganije iyo nama.

Mu bizokwigirwa muri iyo nama, harimwo ku rutonde ingene botuza iyo ngwara ya Malaria ahantu hari intambara nko mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Nigeria, ahageramiwe cane cane n’abihevyi ba "Boko haram" kandi bongere barabire hamwe uburyo bwo guhagarika imibu itera malaria.


Ornella DUSHIME

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.