Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kayanza : Ibitari bike biramaze kuvugwa mu nama iriko ihuza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Kayanza : Ibitari bike biramaze kuvugwa mu nama iriko ihuza (...)

Kayanza : Ibitari bike biramaze kuvugwa mu nama iriko ihuza abanyepolitike

vendredi 24 Rusama 2013

Kuri uyu munsi ugira gatatu abanyepolitike b’abarundi bari mu ntara ya Kayanza, ibitari bike biramaze kwigwa ndetse n’abanyepolitike batari bake baramaze gushikiriza ivyipfuzo vyabo na cane cane ivyohinduka haba mw’itegeko rigena amatora, n’ibindi.

Iyo nama iriko ibera mu Kayanza, yitabwe n’abatari bake aha twovuga abaserukira ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, abaserukira imigambwe, abari mu murwi w’igihugu ujejwe ivy’amatora CNI, n’abandi.

Abanyepolitike bari mu ntara ya Kayanza rero, bamenyesha yuko bipfuza ko itegeko rigenga amatora ryohinyanyurwa. Kuri ivyo, umukuru w’umurwi wigenga uraba ivy’amatora CNI Petero Karaveri Ndayicariye, amenyesha ko biri mubigiye kwicarirwa, maze agasaba ko umurwi CNI wogengwa n’itegeko atari iry’umukuru w’igihugu, ati kandi hagakoreshwa ikarata imwe y’amatora, ingorane k’ubantu baheza ibiringo vyabo mu buzi maze ugasanga ababasubirira bataraboneka, ingorane z’abarundi baba mu makungu badashobora kwitaba amatora kubera ko usanga aho botorera atahariho hamwe ndetse n’abandi baheba ibibanza vyabo kandi babitsindiye mu matora.

Ariko rero abari mu runani rw’imigambwe itavuga rumwe na Leta, basaba ko itegeko rigenga amatora ryokwirwa neza, bakaryiga intambwe kuyindi kugira hagize icongerwamwo kijemwo, ari ikidakwiriye kugumamwo kivemwo.

Mu mugambwe w’Abadasigana Uprona bamenyesha ko ukwumvikana ndetse n’ukwubahana vyoja imbere, hanyuma iburabuzwa rigirirwa imigambwe itavuga rumwe na Leta rigahagarara. Umukuru w’umugambwe w’Abadasigana Uprona, umushingamateka Karori Nditije amenyesha rero ko iryo burabuzwa ry’iyo migambwe biri mu bikwiye kuvuganwa ko muri iyo nama iriko ihuza abanyepolitike muri iyo ntara.

Uwuserukira ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi Parfait Onanga Anyanga, avuga ko abanyepolitike bovugana ingorane bahura nazo mu bikorwa vyabo vya politike eka ndetse n’utunenge turi mw’itegeko rigenga amatora tukanonosorwa, mu ntumbero yo gutegura amatora meza yo mu mwaka w’2015.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.