Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kayanza : Ukuvyara ntikugoye nk’ukurera - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Kayanza : Ukuvyara ntikugoye nk’ukurera

Kayanza : Ukuvyara ntikugoye nk’ukurera

vendredi 26 Mukakaro 2013

Intara ya Kayanza iri mu ntara za mbere z’Uburundi zifise abantu benshi. Abategetsi b’iyo ntara ntibasiba gutanga impanuro z’ukuntu abanyagihugu bovyara ku rugero kandi abo bashoboye kurera.

Umwe mu banyagihugu bo mu ntara ya Kayanza, Adeline Nshimirimana wo muri komine gatara avuga ko yubatse urwiwe mu mwaka w’2006, ubu akaba ageze ku bana batatu. Uyo mupfasoni w’imyaka 25 y’amavuko avuga ko kuva yubatse atarigera akoresha ubuhinga na bumwe bwo gutandukanya imvyaro kandi ata n’ivyo ariyumvira, ubu akaba afise umwana w’amezi icenda. Abandanya avuga ko ico yiyumvira kuzorangura mu minsi ari ukuzokwegera abaganga ba mwegereye kugira bamufashe gutandukanya imvyaro.

Abandanya avuga ko atakamaro ko kuvyara abana utari bushobore gukurikirana. Kuvyara abana utari bushobore kugaburira, ugasanga nturi bubashe kubigisha, kubavuza, wopfuma uvyara bake uzoshobora kurihira vya nkenerwa nk’uko bibandanya bivurwa na Adeline Nshimirimana wo muri komine Gatara. Uyo mukenyezi avuga ko ikimunezera kuruta ibindi, ari ukwo umugabo wiwe bavyumva kimwe kubijanye n’ukuvyara abo bashoboye kurera.

Abanyagihugu bo muri iyo ntara rero baramaze gutahura ko kuvyara bake kandi bashoboye kurera ari vyiza, ariko bamwe bamwe bakavuga ko hari aho usanga abo bubakanye batavyumva kumwe, kuko hari igihe usanga bashaka kuvyara benshi. Abo banyagihugu bati, kuvyara ntikugoye nk’ukurera, ari naco gituma umuntu yovyara bake ashoboye kuzonezereza mu kumuha ivyankenerwa. Ikindi naco imiryango yo menya, ni ukwo amatongo yaze, ubavyaye utagira aho uzobashira ari ingorane idasanzwe.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.