Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kirundo : Abayoboke ba FNL 2 bapfungishijwe n’Imbonerakure - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Kirundo : Abayoboke ba FNL 2 bapfungishijwe n’Imbonerakure

Kirundo : Abayoboke ba FNL 2 bapfungishijwe n’Imbonerakure

lundi 2 Ruhuhuma 2015

Aba FNL babiri bayoboka Agathon Rwasa nibo bafungiwe mu gasho ka komine ya Vumbi, mu ntara ya Kirundo bakaba bafashwe n’imbonerakure bariko bararengana.

Nk’uko aya makuru tuyakesha abaharanira agateka ka zina muntu aho mu ntara ya Kirundo, abo banywanyi b’umugambwe FNL uyoboka Agathon Rwasa, bakaba bafashwe n’imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD ku muhingamo wo kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 1 Ruhuhuma, ku mutumba wa Kigobe, baca bajanwa gupfungirwa mw’ibohero rya komine ya Vumbi.

Abo bayoboke b’umugambwe FNL bagirizwa ko bigishiriza umugambwe Agathon Rwasa mu mpisho. Abo ba FNL bazwi ku mazina ya Ambassadeur na Nsabindemyi Savin kugeza ubu bari mu gasho ka komine ya Vumbi nk’uko bivugwa n’umwe mu baharanira agateka ka zina muntu aho mu kirundo, ako gasho nako gasanzwe karaturitsemwo umugina. Uwurongoye uwo mugambwe mu ntara ya Kirundo akabona ko bariko baratotezwa, mu gihe amatora yegereje.


Aristide Nizigire

Messages

  • IVYO TUBONA N’UKO ABATWARE BA CNDD-FDD BATINYA IHIGANWA RY’IMIGAMBI ISHIRWA IMBERE N’IYINDI MIGAMBWE. TWOBAMENYESHA KO MURI IYI NTARA YA KIRUNDO HAMAZE GUPFUNGWA ABANYWANYI BA FNL 11 BAYOBOKA AGATHON MU KIRINGO KIRI MUSI Y’AMEZI ABIRI.IVYO VYARAYE BIBAYE MU GIHE HARI HAHEZE INDWI IMWE GUSA MUSITANTERI WA VUMBI ATANGAJE URUTONDE RW’ABAGUYE MU GITERO CO MU CIBITOKE KANDI BAHARI MBERE BATIGEZE BAVA MU NGO ZABO. ABATWARE BARAKWIYE KWITONDERA AMAKURU BAHABWA N’ABASAVYI BABO.

  • ni bareke guta umwanya uwatsinze yaratsinze. wiba , wica? ukinda ugaramye canke wubamye, amatora azogenda uko Imana iyashaka kuko nayo ..... kandi nibaza ko ukuri kuzoguma gutsinda ikinyoma aho izo ntuzenya ziriko ziyamamariza ivyuma. kora abandi basenge tuzoraba uwuzotanga umwimbu ufashe.

  • ubwo aba DD barakomeye mu mitwe? Aba FNL turi benshi tellement que bariko bihora ubusa. Bakitwica ivyagashinyaguro mu nyuma bakaduta mu nzuzi, bakidufunga n’ubu bakibandanya, bakitwaka umugambwe bakawuha imbonerakure, ... Bari bazi ko tungana kurya mwatubonye Mutama Rwasa asubiye ahabona? Canke ejo bundi aho bamuhamagara kuburana? Harya rero twebwe twaserutse nuko turi ivyihebe kuko aba DD na Ministre NDUWIMANA bari batugabishije ko uwuhahonyoza ikirenge adasubira iwe ari muzima. Bisigura ko benshi bitinyiye kandi ndabatahura kuko harya ngo " Agatima ari ko". Ico noba ndabamenyesha co nuko boba bararondera ama calmants kugira imitima ntibahitane kuko bazobona isegenya muri za ndwi zibiri ngo bazoduha mama zo kwiyamamaza. Aho babereye ibijuju ntibazi ko ukwiyamamaza tukugejeje kure. Na bado.

  • NIMBA BARI MU MAKOSA REKA UBUTUNGANE BUKORE MUREKE GUSHIRA IMBERE I MIGAMBWE

  • JEWENDIBAZA YUKO IRYO PFUNGWA RYABA FNL,RITITIRIMUTSA NUMWE KUKO UWUTAMBANA NA MUKASE NTAKUBITA URUGOHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.