Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Kumesa abatavuga rumwe na CNDD FDD" vyakiriwe nabi n’abanyeporitike (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > "Kumesa abatavuga rumwe na CNDD FDD" vyakiriwe nabi n’abanyeporitike (...)

"Kumesa abatavuga rumwe na CNDD FDD" vyakiriwe nabi n’abanyeporitike batandukanye

lundi 13 Ndamukiza 2015

Yaba abahoze barongoye Uburundi canke abanyeporitike batandukanye, baranegura zimwe mu mvugo zagiye zikoreshwa n’Abagumyabanga ba CNDD FDD mu myiyerekano bagize kuri uyu wa gatandatu.

Ku bw’umukenguzamateka Sylvestre Ntibantunganya yahoze arongoye Uburundi, ijambo ’’kumesa’’ abatavuga rumwe na CNDD FDD ni ijambo ribi, risigura kwica abo badashigikiye ivyiyumviro n’umugambwe CNDD FDD. Uwo yahoze arongoye igihugu, agasaba Nyabenda Pascal arongoye uwo mugambwe, kubuza abayoboka umugambwe uri ku butegetsi amajambo aca ivutu abandi, kuko ayo majambo ari mabi rwose, muri iki gihe c’amatora yegereje, mbere bigashobora gutuma n’abandi bata bagahunga.

Uwo mukenguzamateka mbere, akaba yavuze ko izo mvugo na bamwe mu bategetsi muri uyo mugambwe bazikoresha, aho yibutsa nk’ivyavuzwe n’umukenguzamateka Gelase Ndabirabe avugira umugambwe CNDD FDD, aho mu majambo yiwe ku baherutse kwirukanwa muri uyo mugambwe, kuko bateye umukono ku rwandiko biyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, yababwiye ko bari guca bicwa, iyo baba bakiri mw’ishamba.

Eka na bamwe mu banyamigambwe nk’urunani rw’abigenga Mizero y’Abarundi hamwe na UPD Zigamibanga, bakaba bamenyesha ko izo mvugo zica ivutu. Muri UPD Zigamibanga, bakamenyesha ko bagiye gusaba nabo, batunganye imyiyerekano, mu kwiyamiriza ico kiringo ca gatatu. Chauvineau Mugwengezo umukuru w’uyo mugambwe w’iteka, akamenyesha ko bizeye ko batazokwimwa uruhusha kuko ata mwana n’ikinono, mu gihe n’abashigikiye ico kiringo bahawe akanya ko kuvyerekana.


Aristide Nizigire

Messages

  • ubwo sagashavu ga ntibantunganya ko aba frondeur benshi bari abanyagitega iwanyu? none ko muri 1993 hishwe ndandaye aba nyagihugu bicanye harimwo na frodebu, wotubwira icambo ritabereye mwakoresheje mu kwiyamamaza rigatuma abanwanyi batwarwa nagashavu babiciye umu presida wabo? je nibaza ko atazindi parametre agiyemwo ayo ma jambo yama slogan siyoyotum abanyamigambwe bicana

  • Sont innovateurs ces DD!! En 2010 c’etait BACEMWO, NTIBABONA; En 2015, c’est KUMESURA!!

  • Nibazako mutama prezida Ntibantunganya ukwo ariko avyiyumvira kandi turetse koyabaye prezida wigihugu cacu ndaziko arumubtabwenge, ariko kumesa ntiyarukwiye kucayuyumvira Ko arimvuko bashatse gusanabajana mugifransa noneho ngwacavyita ngobusigura kwica! Kunesa ushobora kuvyitako arukwigisha abantu ubonako bafise ivyiyumviro mudahuje noneho ukabigisha kugeza batahuye Ko ivyiwawe arivyiza ahorero ukaba uranumesuye, abomwidini rya Islamu iyobariko barigisha ivyidiniryabo noneho bakabona ntiwemera ivyobavuga hariho ahobavugako ukeneye ngogukurwamwo imicafu, iyomvugorero ibisigura Ko bakeneye kugujuramwo ivyowarisanzwe wenera bakagushiramwo ivyabo ntibibabisigura ubundi bugizibwanabi. Prezida Ntibantunganye rero nahave afata ijambo rizwimukirundi KUMESA ngwacarishira mukibikigeziyo! Kuberiki atorishira nivyiza? Kandibisanzwe bwizwiko kumesa mukirubdi arukugira ikintu carikibi kibecicagayemwe!? Noganyakwubahwa nkubu hatarunze kubaho gushishoza bakacabakorera kuriyonvugoyawe bakayoragura aba Cnddfdd bose bakabatamubusho ubona utokwicuza?

  • Uyo mugabo yarikuvuga ngo ’’tuzobahata (guhata ibiraya,ibitoki n’ibijumpu)’’ kuko ibisu n’imipanga vyaratanzwe ukuri kwamye. KUMESA bisaba isabuni kandi ntazo baratanga.

  • nyibujeko bamuteye amazirantoke mbegabayamuteye hatahobaroye yahaze

  • Mu ma slogans ya CNDD FDD numvise samedi kwari kuvuga ko basukuye imitwe yabantu babakuramwo ivyiyumviro bibi bisa n imicafu kuri bo.Ntibisigura ko bavuga kwica..!!!Nyakubahwa Ntibantunganya kweri rectifya abarundi ntibacane mwo.Kuvyerekeye mandat yagatatu ya Peter Nkurunziza basavye bati MVAKO...
    Imbugita ni uwuyifashe ikirindi.Les accords d arusha bisunga zabitswe mububati ntizigeze zija mu ngiro.Les accords ntizivuga ama mandats yaba peresida gusa avuga nibindi..None nikubera iki musharamiye ku ma mandats gusa.Ibindi vyovyo karakarimi?Uri intwari haguruke muje gusubira kuvugana
    suivi et mise en application des accords d arusha.Uzoheza ubone ko atawuzosubira ku reclama un soi disant 3 ieme mandat...Iyo mukoze amategeko ba muyakorera suivi et evite surtout des cas particuliers
    Irambire Nyakubahwa

  • nibarize ntiba ahobamutera mazirantoki ibugendana yavyibagiye nivyobashaka kugira nkurunziza ntibishobaka barabikore turabe nfamusavye azonyishure cankavugeko bamubesheye bayamuteye atwaye manda3 mwibagiraningonga juberamuzikuvuga bajabumva ngomurintwari jeisiyose umukuru wigihugu barateramazirantoki nindatariwewe nyibantungamya

  • Bamenyeshamakuru, mutubariza uyo Nyakwubahwa ko "HAGARARA BWUMA’ na "INIVO NI UGUTWI" vyakoreshwa nawe n’abo bari kumwe muri FRODEBU mu myaka ya 1992-1993 ko vyahamagarira Inziraguhemuka gutema Abatutsi, bagatumbereza aho ugutwi guherereye? Nimba bitasigura ico, nawe ntakwiye kwikoreza ibintazi abandi.
    Mutubarize igituma atigeze akurako umunwa igihe mu misi iheze Rufyikiri Isidore yavuga kuri RPA ko Nyakwubahwa MELCHIOR NDANDAYE yari umwicanyi (genecidaire), ko we na Frodebu bari bateguye ihonyabwoko ry’Abatutsi hama kamwitanga. Ko tutigeze twumva yaba we canke n’ayandi maradiyo batiyamiriza iyo mvugo igayitse?
    Ijambo KUMESA n’iryo yumvise riteye ubwoba gusumba ivyo twavuze aho hejuru? Wamugani ngo, "Uwukize isemu yibagira icamwirukangana", uwundi ngo "Umwana ahetswe neza asohora amaboko."

  • Birantangaje mbere ndumuwe ahona mutama wacu Ntibantunganye asorongora kubivuzwe na Cnddfdd kandazikuntu bibabaza! Kukonawe araziko iyabantu bavugango nyakwigendera umuhosi Ndadaye yarakoresha akajambo kitwango inivo nugutwi ariko bamwe barasirongoye nkukwo kwa Ntibantunganye bavyitako yabarimwo aravuga ngwivyogutema abantu, amkandi ababivuzebobo ntibakina baramaze nokuvyemeza babazugubacu nubuntibirahanagurika, nonenawe urasorongoye wongera kugereka iyongugo kubarundibenewanyu? Ubuvyaheze bacabatwara ivyowavuze kuruhande rwavyabindi umuhisi bamwagiriza nibirahitana wewe bizohutana umwana wokwasowanyu!

  • Ibintu nkivyo bivuze ntiba ntibitangaje!mbe abavuze ngo “sindi umuja“ninde yabagize abaja?le terme “Mvako“ canke “Kumesa“zirasanzwe sinka SuSuruka canke inivo n’ugutwi!Ntiba ihorere sha uzinge amabinga!

  • uwomu upd nawe nabure gusiganwa noguhuga abanwanyi gwasiganwa nokwiruka inyuma yareta nawe gwimyiyerekano agombagupinga nareta?natekereze ntibishoboka basamazwa na mendaya3ahubwo nibahugukuntu bazomukuramwo mumatora nayo munyiyerekano ntibishoboka kandu babigizujo bazoba bakingiye abanwanyibabo kuruta kubashira mumyiyerekano

  • Muncamak Uy Mugabo Yitway Nabi Kuberak Yabivuze Atiyumviriye Kandi Yibukeko Ivyishamba Vyaheze

  • amajambo nkayo mugihe nkiki.simeza nagato

  • Basaze je nibaza ko muzokwamaho!ishavu ry’imana ry ntirihera basha!izobihora abana banyu banyepolitike nimuduhe amahor vm!ic nz c ntawuhor kungom!muzognd naband bazoz nta carush uprona amaras y’abant yo arahuma mbe aho mubamesa nimw mwabacafuje sigaho basha gusigura ivyo mutazi twes ub twaraciye akengu tuzomesana nta mwana arimwo kuko uwuguheney ntumuhenere akwita ikiburanyo!

  • Ego ariko President Ntibantunganya avuze ivyubu ntibisigura ko ivyo aba frodebu bakoze bifusw!!! oya ariko ngo mvako ngo kumesa izo ni imvugo nyeshamba z imamfu n ibiherere nyene nka Gihahe.Ariko gihahe yokiza iki!!!!!???

  • Ntibantunganya alias bakame niyivugire ivyo yishakiye,iyo aja mw’ishamba nawe aho kuja mu ma ambassades tugaheza tukaraba ingene avuga,we azi kuvuga ,turiko duhonera mu kamenge yaduhumuriza ate,yaratwimoka ngo twasomborokeje abasoda,we yari yifitiye aba uzi bamukingiye.Uyo we,ahubwo mbe avundurutse he,Narye utwo yaronse par tricherie turakwiye!

  • agasozi kintahanurwa kahiye abagabo babona .ivyo vyose Imana ntizovyemera ndabarahiye

  • agasozi kintahanurwa kahiye abagabo babona .ivyo vyose Imana ntizovyemera ndabarahiye

  • peter azumbwenge bwinshi kweli nuko bugomba vbumunanir gukoreshan kuko ari intahanurwo

  • non uwo Nkurunziza akney iki kugra yubahrize amategeko n’impanuro ahabwa ?

  • AKUNDA AMAVYI KUKO BARAYAMUTEYE ARANEZEGWA UBUHO NITWE TUZOYAGUHA UYADYE KUKO WIBAGIRA VUBA

  • TURATEWE UMUTIM UHAGAZE NAMARADIO ATANGINKU ZISAMBU ZINDENZA RUGERO KUBIBAVYABAYE.

  • non président wew ntabona ko nawenyen ko abarundi barushe ahubw nyabuna yokwumv akamo akavyihoz.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.