Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ku ntwaro y’umu papa azosubirira Benedicto wa 16 hoba hazoba umuhero (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > Ku ntwaro y’umu papa azosubirira Benedicto wa 16 hoba hazoba umuhero (...)

Ku ntwaro y’umu papa azosubirira Benedicto wa 16 hoba hazoba umuhero w’isi

mardi 12 Ruhuhuma 2013

Inyuma y’aho Papa celestin XIV atangiye imihoho ari nawe mu Papa yagira 163 hari ubuhanuzi buvuga ko hazokurikirana aba Papa 112 hanyuma umuhero w’isi ugaca ushika urwo rutonde rwarasubiriye kwibonekeza mu mwaka w’2005.

Inyuma y’urupfu rwa Papa Yohani paulo wa kabiri ubu naho ubwo buhanuzi bwongeye gusubira gusigurwa mu gatabo k’impapuro zitanu kanditse mu kiratini kavuga ko uyu mupapa Benedigito wa16 yaraye atanze imihoho yagira 111 bisigura rero ko umupapa agiye gutorwa azoba abaye uwa nyuma hagati canke hanyuma umuhero ugaca uza.

Ivyo rero bikaba vyateye impari nyinshi ku mirongo ya internet nka twitter na facebook canke ama blogs atandukanye ndetse no kuri wikipedia.

Ubwo buhanuzi abakoresha ubuhinga ngurukanabumenyi internet bahaririyeko buvuga ngo : « Mwihamwa rya nyuma ry’ishengero ritagatifu y’i Roma hazokwima Petero umuromani azoragirira intama ziwe mu marushwa menshi.

Ayo marushwa aheze igisagara cubatswe ku misozi indwi kizosamburwa niho wa mucamanza ateye ubwoba azoca aza gucira urubanza abantu biwe. »

Ivyiyumvuro ni vyishi, abantu bariko barondera isano ryoba hagati y’ubwo buhanuzi n’ibiriko biraba.


Sylvere Bavumiragiye

Messages

  • MANA YACU.NKUKO TWARI TWARABIMENYESHEJWE,YEZU AZOZA KUDUCIRA URUBANZA KU MUHERO W’ISI.GUSA IMANA IZOMBABARIRE KUKO NDI UMUNYAVYAHA.GUSA ABANTU TWAMYE TUGAVYE.BANTU B’IMANA IMANA IZODUHANA TUTISUBIYEKO.MUVYO NDMERA IMANA IRIHO YEZU NAWE YACUNGUYE ISI YOSE.NIVYO IMANA IBAHEZAGIRE MWAME MUGAVYE KUKO ATAWUZI UMUNSI N’ISAHA

  • Rekakugumurabantu Bibilia Ivugakoniyohobayabamalayika Canke Yesubwiwe Uwomusintawuwuzi Kombonamugereranya Isiyaka Mwabikuyehe Mwafotoyehevyabaye ’. Nibangaryimana Bagenzi

  • UBWO NI UBUJUJU. URETSE DATA,NTAWUNDI AZI IGIHE C’UMUHERO W’ISI.

  • Mbe ko Yesu bamubajije umus’umuhero uzozira, akavuga ko nawe nyene ataz’umusi, atari Data gusa.None twokwihenda tukagereranya ngo umuhero uzoba kuntwaro y’umutware kanaka? Reka tuwurindire duteguy’imitima yacu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.