Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kudasinzira neza nikimwe mubitera isambuka ry’ingo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Kudasinzira neza nikimwe mubitera isambuka ry’ingo

Kudasinzira neza nikimwe mubitera isambuka ry’ingo

mardi 26 Ruhuhuma 2013

Kudasinzira neza birashobora gutera ukutiyumvanamwo hagati y’umugabo n’umugore bigatera ingorane mu rugo

Urukundo ruraterwa kandi rurabagarirwa. Ivyo bigirwa n’abantu babiri. Iyo umwe aravye hirya urukundo ruraheza rukameramwo imbuto mbi bigatuma rudakura hagashika naho ruzimangana. Hambavu yo kutaganira no kutarangura amabanga y’abubatse bishimisha bose hariho ikidakunze kuvurwa. ico naco ni "ukudasinzira neza".

Ugusinzira ni kimwe mubituma imigenderanire iramba.Abashakashatsi bo muri kaminuza yo muri Califoriniya i Berkeley bagize ivyirwa kuvyerekeye ukuntu itiro rishobora gutuma ibishobisho vyogukunda no kwiyumvamwo uwo mwubakanye bigabanuka canke vyongerekana.

Ingo 60 ziri hagati y’imyaka 18 na 56 barazigirishije imyimenyerezo itatu.

1.Itiro (:kuryama nabi bituma umuntu yikunda.) ukugira urutonde rw’ibintu bitanu(5) ukundira uwo mwubakanye.
Inyuma yokuryama ijoro ryose basanze abaryamye nabi, bakunda buke abo bubakanye ugereranije n’abaryamye neza.

2.kwandika uko baryamye ningene berekanye urukundo rwabo kubo bubakanye mu ndwi zibiri (2).
Naho nyene basanze abatasinziriye neza berekanye urukundo ruke kubo bubakanye. Hagukunda uwo bubakanye berekanye riho ukwikunda cane.

3.Ico itiro rimaze mu kwiyumvanamwo hagati y’abubakanye: Basanze abatasinziriye neza bumva badahawe agaciro gakwiye kandi badakunzwe nabo bubakanye kandi bose bakumva umenga ntibakirikumwe. Bakumva bibagiranye.

Ivyovyirwa vyerekanye ko ITIRO ari ikintu gikomeye cane mu buzima bw’urugo. Kudasinzira birashobora guterwa na vyinshi, nko:kugona kuwo mwubakanye,kutitanaho,kutaganira n’ibindi.


Irambona Dorine

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.