Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kurenga ibigo bifise ico bivako - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Kurenga ibigo bifise ico bivako

Kurenga ibigo bifise ico bivako

mardi 30 Ndamukiza 2013

Iyo habaye ukuvangana nabi mu bubatse ntibisigura ko isi ibaguyeko, umuhinga mu bijanye no mumutwe François st Père hamwe n’ umuhinga muvy’ibitsina Gérard Leleu bavuga ko abubatse bashobora gutora inyishu nziza cane iyo vyashitse umwe agahemukira uwundi mu gihe bose bipfuje gusubiza hamwe.

Umwanya wa mbere uragoye cane iyo vyamenyekanye, ndetse harafatwa n’ingingo zihuta kandi kenshi atari nziza. Umuhinga Gérard Leleu asigurako ko naho bitera umubabaro urenze ngo ni vyiza kwigiza kure ishavu mu kurindira gufata ingingo. Bisaba ubushobozi burenze bwo kugumya umutima, aravuga kandi ko ari vyiza cane kubanza kwihangana, ukagerageza gutahura ko uwakoze ikosa bitamuvuyeko.

Ukuntu uba wiyumva muri uyo mwanya, bituma wibuka n’amakosa yakera, bivanye n’uburemere uha ikosa yakugiriye, mu gihe wewe ata ruhara ubifisemwo, ariko rero iyo wifashe rugabo bituma izo ngorane uzisohokamwo nk’umugabo.

Gérard Leleu aragaruka akavuga ko vyose biva mu kutayaga, agafata kurenga ibigo nk’ingeso mbi ariko kandi ko bishobora no kuva ku bubakanye mu gihe atamwanya wo kuyaga bahana, canke ugasanga bama bariko barababazanya,badahana imbabazi

François st Père avuga ko ikiringo c’amezi atandatu arico ciza kugira ufate ingingo kandi ico kiringo ngo ni umwanya wo kwirimbura, umwe wese akaraba ko yipfuza kubandanya imigenderanire canke ko yoyihagarika.


Aimé-Victor Kwizera

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.