Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Leonard Nyangoma yandikiye imboneza z’umugambwe CNDD FDD - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Leonard Nyangoma yandikiye imboneza z’umugambwe CNDD FDD

Leonard Nyangoma yandikiye imboneza z’umugambwe CNDD FDD

lundi 7 Mukakaro 2014

Umugambwe CNDD urongowe na Leonard Nangoma wandikiye ikete imboneza mu bagumyabanga ba CNDD FDD, aho muri iryo kete bavuga ko bagomba kubakebura, naho boba ari abakeba muvya poritike.

Muri iryo kete, umukuru w’umugambwe CNDD avuga ko bigize kubigira igihe bariko bararwanya, kandi bahanura umugambwe UPRONA. ’’Twarabigize turiko turahasha abari bahejeje kwiha inkumbi bagashaka kuvuguruza abarundi, bari bahejeje kwitorera Umukuru w’igihugu cabo mu mwaka w’1993. Twarabigize kandi turabishitsa naho havuye haduka izindi ngorane, ari na zo ziriko zirazana aya mabi n’amagume mwese mubona. Ayo na yo ni aya y’ubukene, n’inzara vyasinzikaje abanyagihugu, aha rero ntituvuze ubusuma n’ubwicanyi vyigize ndanse mu gihugu, ayo mahano yose akaba atumwa cane cane n’uko intwaro ya Nkurunziza ititaho ineza n’iterambere vy’igihugu n’abanyagihugu bose’’, nk’uko bivugwa na Nyangoma Leonard mw’ikete inomero 07/14.

Leonard Nyangoma umukuru w'umugambwe CNDD

Uwo mukuru w’umugambwe usanzwe uri mu murwi w’iyiri mu runani ADC Ikibiri, urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na CNDD FDD, akamenyesha ko benshi mu bagumyabanga bo muri CNDD FDD bari kumwe nawe, ndetse benshi bazi ico baharanira. Nyangoma akibutsa bimwe bimwe bipfuza ko bihinduka, nk’intwaro igendera ikongera ikisunga ivyiyumviro birashe, abarundi bakabaho babona iyo bariko baraja, bagashobora no kugaragaza akababaro canke akanyamuneza biciye mu myiyerekano canke mu zindi nzira zemewe n’amategeko adahotora agateka ka muntu. Ihangiro rero nyamukuru n’uko Abarundi mu gihugu cabo bumva ko bikukiye, bishira bakizana, bakagira ijambo. Nyangoma Leonard muri urwo rwandiko ati :"Nta kintu kibi nko kuniganwa ijambo." Ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza busabwa kudasubira gutoteza no guhigwa buhongo abatavuga rumwe n’ubutegetsi, kuko na kare intwaro ariyo yategerezwa kubakingira no kububahiriza.
"Igihugu kizotera imbere ari uko abarundi bose bugurutse mu mitwe no mu mitima yabo, ni naho bazogira ishaka n’inguvu vyo guhangana n’ibibazo biri ngaha mu gihugu cacu, ibibazo kenshi biva ngaha nyene, ibindi bigaturuka mu mahanga."

Mukurangiza, Nyangoma akavuga ko ako kamo agateye abishinga kwica benewabo, ntibemere kuba imashini zo kwica abantu baremwe kumwe mw’ishusho ry’Imana. "Gwanire demokarasi, igishe abanyagihugu gukundana n’uguharanira na ntaryo ineza y’igihugu." Ako kamo k’umugambwe CNDD ntibagateye imboneza gusa z’umugambwe CNDD-FDD, bagateye n’abandi bagumyabanga bose, eka mbere n’abandi bahurikiye mu runani ADC-IKIBIRI canke mu yindi migambwe itari muri urwo runani. Aka kamo bagateye kandi abarundi bo mu bwoko bwose, bemera intwaro rusangi.


Aristide Nizigire

Messages

  • None kwavuga ngo bareke kwica abo baremwe mwishusho Y Imana,wewe abo yishe ntibaremwe mwishusho y Imana?

  • Banza utaahe ureke kudedembera mu mahanga uriko urimaramaza!!

  • HIGANWA RERO MUTUBWIRE UWISHE BENSHI

  • Nawe abo wishe si bake mugenzi

  • Twese turakeneye kubona ko bihindutse ngaha mugihugu kuko nakamaramaza.ariko ntimwibagire kumenya ko harabadasinziriye ijoro rigeze bobo habahakeye.poritike nziza niyubahiriza zinakiremwa muntu,abantu tukabaho imitima irimunda tugenda tutimubana ngurya nuwokica ngurya nuwogufungwa ngurya nuwokunyuruza ngurya ntimumuhe akazi kuko ntari muri twebwe.ivyobirononye igihugu nabenigihugu.Reka turindire uyumwaka uza yamara nawonyene uteye amakenga nuwokwereka rurema gose abamenyesha mana bose bawuhagurukire.murakoze kuntahura.

  • Abagutuka nabatazi ico wamariy kino gihugu ariko nabandinye wabiriy icuya bamaze abanyagihugu. Mureme mwarakorey uburundi aba nabo sikera bariruka batagira iyo baja

  • jewe ukondabibonanuko ivyo nyangomayavuje ndamusigikiye kukoyavujukuri ndabandibeshibosigikirabantunkabo nanjembonako icamberebokwirikijamasejeranoyiharusa kandinayoyakavugakatamukuruwigihugu arenjibiringobibiri

  • Kuba Vyoshika Nyangoma Agahanura Vyarivyiza None Mbenga Wewe Hamwe Yotwara Ntamabi Nkayo Yagiriza Abandi Yoba?Mbegako Igihe Yatwara Uwomuhari Yaranzwe Namacakubiri Yintara Nogusahura<<ikawa>> Yabenegihugu Ubuyarabihevye?Biragoye Ko Imfyisi Ihinduka Intama.

  • KURI YI NKURU ICO NOVUGA TERIMBERE NKUMUZINA USHIKARE GUHANURA ABATEGETSI BU BURUNDI BE NIZI MBONERAKURE ZIGI ZE IBIKOKO.

  • N’ukuri kwokwo.. nikwobimeze!

  • Ewe nyangoma abatakuzi barakubarigwa. Ingwanyi zincabwenge wiciye muri roberio aho uvuga ubwicanyi urazibagiye ubunyene? Uti umuhutu umwe w’ibururi asumba abatutsi 10 bo mu yandi maprovince? Harya warabuze n’umuvyeyi arabura yatwaye inda 9mois. Urantunga

  • Mwiriwe neza amazina nitwa jean Marie nkabantuye muri Australia igisagara Perth nukuri mukomere komere cane natwe turinyumayanyu kuko peresida nkurunziza yamaza Bantu abarundi bagiye kugwa mungora zabanye polike natwe tuzohemuka avuyeko Leonard nyangoma turangushigikiye abi Perth nukururi bandanyu haranire gateka kabarundi
    Murakoze
    Ugombakunyandikira email niyi
    Mark.nduwimana@gmail.com sawa
    21 edoria steet Gosnell’s 6160?

  • Ese nkurunziza koyamaze Abantu bica azotwara imbonera numuryangowiwe gusa koyirigwa vuga Ngo ni Pastor none bwabu pastor bwamutegetse kumara Bantu ariko imana fisu mugambi kubarundi abasigaye twihangane imana nivyose

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.