Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Makamba : Abakobwa 23 baramaze guheba amashure kubera gutwara inda muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Makamba : Abakobwa 23 baramaze guheba amashure kubera gutwara inda muri (...)

Makamba : Abakobwa 23 baramaze guheba amashure kubera gutwara inda muri uyu mwaka w’ishure

samedi 9 Ruhuhuma 2013

Ivyo biharuro bitangwa n’ubuyobozi bw’indero mu ntara ya Makamba. Abanyeshure n’abavyeyi basaba ko ibihano vyofatwa ku barimu bagiriwe n’ico caha co gutwaza inda abanyeshure bigisha.

Ubuyobozi bw’indero mu ntara ya Makamba bumenyesha ko ibihano ruhasha bifatirwa umuntu cane cane umwigisha yagiriwe n’ico caha kandi ngo nta kigongwe. Uwuheruka gufatwa n’umushoferi, yahanishijwe umunyororo w’imyaka 15 n’ihadabu ry’amafaranga imiliyoni 10. Sentare nkuru y’i Makamba niyo yaciye urwo rubanza.

Cassien Hamenyimana, arongoye ubuyobozi bw’indero muri komine Makamba amenyesha ko kenshi na kenshi abantu batwaza inda abanyeshure b’ababakobwa baba bazwi. Ngo ni cane cane abadandaza, abarimu, abapolisi, abashoferi n’abatwara amapikipiki.

Abana b’abakobwa biga mu mashure matomato n’ayisumbuye ngo barahendeshwa ahanini amafaranga canke amanota yo mw’ishure. Avuga kandi ko indero mu mashure y’i Makamba iriko iratituka naho ubumenyi bwobwo bwifashe neza kuko intara ya Makamba yabaye iyambere mu kibazo ca Reta co mu mwaka wa gatandatu mu mwaka uheze w’2012.

Ababvyeyi bo muri komine Makamba bavuga ko ibiharuro vy’abigeme 23 batwaye inda bari kw’ishure mu gice ca mbere gusa uyumwaka biteye ubwoba.

Bamenyesha ko hahayeho ugutituka kw’indero y’abakobwa hamwe n’imico myiza. Haba muhira canke kw’ishure ngo abana b’abakobwa ntibakibwirwa ivyerekeye ibitsina no kwirinda kurangura amabanga y’abubatse.

Abo bavyeyi basaba abantu bose baba abavyeyi, ababanyi, abigisha n’abandi bose begwa n’indero y’abigeme ko bosenyera ku mugozi umwe nakare ngo umwana si uwumwe nk’uko vyamye hambere hahise.

Basaba ubutungane guhana ata kigongwe umuntu wese yokwagirwa n’icaha co gutwaza inda abakobwa baciga.

Amashirahamwe akingira agateka k’abakenyezi asabwa guhagurukira rimwe kugira ako karanda gasubiza inyuma ubumenyi karanduranwe n’imizi.

Messages

  • jew ndumunyeshur wo kuri lycee mpemba nukur najew ndabiravy abanyeshur bariga nez mugab indero yab iri kurush ikindi naco abakobw baguma baheba bivuy kugkhendwa nabahungu hari umukobwa yaray ahevy amashur kuri le05/11/2016 ejo hahis vyombon nyaruke mutabare kuko baguma baheb geragez munyaruke mutabare abana buburundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.