Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Maragarita Barankitse asaba ko n’abakenyezi batize boza baratumirwa muma (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Maragarita Barankitse asaba ko n’abakenyezi batize boza baratumirwa muma (...)

Maragarita Barankitse asaba ko n’abakenyezi batize boza baratumirwa muma nama

jeudi 11 Mukakaro 2013

Mu nama yari imaze imisi itatu iriko ihuza abakenyezi bo mu karere k’ibiyaga binini, aho bariko barabira hamwe uruhara rw’umukenyezi mw’iterambere,umutekano hamwe n’amahoro, umupfasoni Maragarita Barankitse arongoye ikigo "Maison Shalom" yaragize ico avuga ku bijanye n’iyo nama, amenyesha ko mubatumirwa haba hakwiye kwibukwa n’abakenyezi b’abirimizi.

Iyo nama yitabwe n’abakenyezi bavuye mu bihugu bitandukanye vyo mu karere, aho bariko barashikiriza amakenga hamwe n’intambamyi bahura nazo mu guharanira amahoro.

Muri abo bakenyezi n’abarundikazi bari bitavye iyo nama, twovuga nk’umupfasoni aserukira ikigo "Maison Chalom" co mu Ruyigi, umupfasoni Maragarita Barankitse aho yagize ico avuga ku bijanye n’iyo nama.

Uwo mupfasoni amenyesha ko igihugu c’Uburundi intambwe kigezeko uno musi, atari kubw’inguvu z’abagabo gusa, ko n’abakenyezi bashizemwo uruhara kandi rukomeye. Atanga akarorero ko mu gihe c’intambara, aho abagabo benshi bahungira mu mahanga canke mu mashamba. Abapfasoni nabo batahunze basigaye mu gihugu mu gutinyirira ibibondo vyabo ko vyicwa n’inzara.

Ariko rero aranegura cane itegurwa ry’ama nama nk’ayo yerekeye abakenyezi, aho usanga yitabwe n’abakenyezi baciye kw’ishure gusa, bakibagira abakenyezi b’abirimizi kandi aribo ahanini bahura n’ingorane, bakaza kubavugira mu kibanza usanga ahanini batamenya neza ingorane zabo.

Ico asaba abakenyezi batowe ngo baserukire abandi mw’ihuriro ry’igihugu ry’abakenyezi, n’uko boza baribuka bakagendera barya bapfasoni b’abirimizi kuko aribo babatoye, ntibaze barabibuka gusa ari uko amatora ageze.


Prosper Ndayikeza

Messages

  • Ico Margaret avuga NI ukuri. Kandi ndamusuhuje yaranyigishije mu Ruyigi NI umuntu wanga burigihe akarengane. Ndakukundaaaaaaaaa rwose.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.