Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Matana: Musitanteri ariyemerera kurandura amabendera y’imigambwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Matana: Musitanteri ariyemerera kurandura amabendera y’imigambwe

Matana: Musitanteri ariyemerera kurandura amabendera y’imigambwe

dimanche 8 Kigarama 2013

Abari mu migambwe ya Uprona na Frodebu muri komine ya Matana mu ntara ya Bururi, bariyamiriza ingendo ya musitanteri w’iyo komine yo kubarandurira amabendera y’imigambwe yabo, yitwaje ko ashinze imbere y’ahatari ingoro zabo.

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 7 Kigarama, musitanteri w’iyo komine ubwiwe, akaba ariwe yaranduye ayo mabendera nk’uko avyiyemerera. Avuga ko ariko ashira mu ngiro, ingingo ya Edouard Nduwimana umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, ingingo yavuga ko amabendera yose ashinzwe ahantu hatagira ingoro y’umugambwe, ategerezwa gukurwaho, mu ntumbero yo gukinga ubusuma bugirwa n’abantu batazwi ku mabendera y’imigambwe.

ibendera rya Uprona

Ariko rero icatanganje abarongoye iyo migambwe muri iyo ntara ya Bururi, akaba ari ukwo amabendera yabo yari mu bibanza bizwi. Nk’iry’umugambwe Sahwanya Frodebu ryari imbere y’ingoro yabo, mu gihe iry’umugambwe Uprona ryari imbere y’inyubakwa ya poste, hafi y’inzu idandarizwamwo imiti, rikaba ryari rihamaze imyaka umunani.

Abarongoye iyo migambwe rero bagatangazwa n’iyo ngingo yo kurandurirwa amabendera, mu gihe muri iyo ntara ya Bururi, amabendera y’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi, ari aho hose. Bagatanga akarorero ko muri komine ya Rumonge, aho amabendera ya CNDD FDD ahungabana ku mabarabara, ndetse henshi ugasanga atangoro yabo ihari.


Aristide Nizigire

Messages

  • Umusumwe hariho abagabo babiri barababanyi baranganya imyaka yamavuka ariko umugabo umwe yarifise ibirovyuburemere 80kg uyundi akagira 55kg maze wawundi wibiro 80kg azakurwara ajakwamuganga baramupima nkuko mubizi iyumuntagezekwamunganga baramwitondera ariko baramubwiye ngo ufise ibiro 60kg nawe aravugango ndamazegutakaza 20kg kuberuburwayi baramuhimiti arataha, Nyuma wamubanyi azakurwara ingwara isanuwowundi aramubwira ngosha nanjenarwaye nkayangwara yawe ngokandi ntabushobozimfise bwokujakwamuganga ngwariko nomenya ubwokobwimiti baguhaye noheza nkazakuyigura wamugabo aramubwira imitibamuhaye nukuntubamubwiye ayifata, wamugabo aragenda arayigura mugaboyibagira ko uwomunganyimyaka kandimuhuje ingwara sikomunganga abahimiti inganya igarama wamugaborero yarayinyoye acararaba ahakwagupfa bamutwarakwamuganga basanga yanyoye imiti ama grama arenze inguvu canke uburemere bwumubiri wiwe.
    Murunva ko uwomugabo yiganye mugenziwe imitiyanyoye bikamukwegera guhakwa gufa! abobimigambwerero birindekuvuga ngonantuzeya yarabigize, ikindi mubonye umuntuyagize ibinyuranye namategeko y’igihugu rekakubikosoza kugirankivyobagizenamwe, igikere ciganye inzovu.......kiraturika murumvabwaburengaziradufise kotubukoreshejenabi busuka mucango igikene kirafise umureganzira bwakunya nkuko nizovu ibufise ariko igikere cifuje ngocihagarike nkinzovu cahagiriye ingorane kandibwaruburenganzira bwaco!

  • None ko dufise igihugu kimwe, imigambwe nayo ikaba igizwe n’Abarundi, ni gute abantu bananirwa kumvikana? Je nibaza ko ivyiyumviro n’aho vyoba bitandukanye bidategerezwa gutandukanya abantu ubwabo.

  • Ariko abarundi nagira ngo nincabwenge ariko uyuwe w’uyumugani vyaramugoye pe!!mbe ntuze aho wicish’imigani washushanije uburundi nitongo rya so?nyibwirire sha mbe uwaciye umugani wagahanga kwisabukuruya songambereubu arihe?uracimigani mureha kuko nayo mata akuri mukanwa atazokwamaho?rajabu,kadafi,gbagbo nabandi bokubera icigwa ukirinda kwiyita inarunyongautazi ejo hawe

  • mupfasoni wiyise mama nagira nkumenyeshe ko mu mategeko bitandukanye no kwa muganga, ntaworaba ko dd ifise amajwi meshi ubu, ngo duce tuvuga ko yoca irenga amategeko. niyaba edouard nduwimana yavuze ko imigambwe yose ishira amabendera yabo imbere yahari ingoro zabo, bibe ukwo, ariko ntihagire aba dd baza bararenga amategeko abayashizweho nabo nyene. none nduwimana yagiye gushiraho nyamategeko azi ko umugambwe wiwe utazoyakurikiza?nzirikana yari umuntu azi gukorera imigambwe arimwo nk’uko yakorera uprona akiri muri universite n’imigwi ya jrr

  • Ndi Mama, Rekandababaze mwese, Mbeg’umuntu afise umuvyeyiwiwe mazumuvyeyiwiwe akabumunyamakosha arikowewe mwanawiwe ukabumazegukura wocawihatira kumwigana mumakosha akora? Icomukwiyekumenyanuko mugutezimbere democratie sukwigana abakoze ibitaroranye mugihugu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.