IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > Mgr Ntamwana ntiyemera ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza

Mgr Ntamwana ntiyemera ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza

samedi 10 Nzero 2015

Musenyeri Simoni Ntamwana wa diyoseze ya Gitega, mu nsiguro yahaye urwaruka n’abavyeyi bo kuri Paruwasi Murayi yo mu Giheta intara ya Gitega, yamenyesheje ko ata mukuru w’igihugu arekuriwe kurenza ibiringo bibiri atwara Uburundi.

Musenyeri Ntamwana Simoni yabaye umwepisikopi wa mbere yerekanye aho ahagaze ku kiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, akaba yasiguye ko ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ritanga uburenganzira bw’ibiringo bibiri gusa mu burongozi bw’Uburundi. Musenyeri Simoni Ntamwana yasiguye ko Umukuru w’igihugu asozereye ikiringo c’imyaka itanu, ashobora kwongerwa ikindi kiringo c’imyaka itanu nyene, abanyagihugu babanje kuraba ingene yaranguye ibikorwa yari yimeje mu kiringo ca mbere. Ariko kubw’amategeko, agarutse ku kindi kiringo ca gatatu, naho yoba yakoze neza gute, ntoshobora gusubira kwitoza kuko amategeko atabirekura.

Umviriza insiguro za Musenyeri Simoni Ntamwana


IGIHE

Messages

  • IMANA IGUHEZAGIRE MUKOZI WIMANA ,MBE PRESIDENT WACU KUMUDAMU WIWE ARU MU PASITEUR AHANTURIKI UMUTWARE WIWE CANKE ISHERO RIRONGOYE UWO MUTAMA WACU RIMWIGISHA IKI.IKEBUKE

  • Harya nabandi wumvise iyo basiguye ivya politique urumva ko atanumwe amushigikiye, jewe nibaza ko umupfasoni wiwe yomubwiza ukuri ko niyaba aku.nda umuryango wiwe atokwitoza nayo ahandi bazopfa bangara nka gahini nti bibaze ko birya vyashitse kuri Simone bagbo bitomushikira ndamwifuriza ko bitomubako.

  • Abo bemera Imana imwe rudende,kandi bemanga neza aho bahagaze!nkebuye nabene wacu dusangiye ukwemera,bibaza ko mpwemu izokora idaciye muribo!

  • Mgr. Simon Ntamwana, turakwubaha kandituzokwamatukwubaha, mwibukeko mumashirahamwe adaharanira ivyicaro muri reta ngaha Burundi kandi akunzekuvyifatamwo neza amasengero muronkumwanyamwiza cane. Ariko nambawarishimye kuvuga ivyo ibwirizwashingiro rivuga ntivyarivyiza kuronderamwo akarongokamwegusa ngwabarikuvugakonyene nabibiriya ntagatifu uyigiyemwo ugasoma akarongo kamwe gusa wosanga wazimijebeshi kandinawewe urabizi. Ntanganwerero nukuntu utoye akanambokamwe kavugango umukuruwigihugu yemerewe kwitozakabiri gusa mbere wanafashe akanyagakwiye kogusiguramo abenegihugu imbere yokumwongera ikiringo cakabiri babanza kwihweza ivyoyaranguye mukiringociwe cambere, ndabashimira kurico mwavuzukuri, ariko icomwibagiwe kwibuca abarundi nukomutavuzeko mwivyobiringo bibiri yitorerwa nabenegihugu bonyene ubwabo sinzirero komwabigize mubibona kukovyariguhava bibononera akanovera kivyomwifuza!?

  • - Urakoze Nyakubahwa mwungere wacu, za murahanura kuko abo bantu bahanura umukuru w’igihugu kiretse ko batamukunda ntibakunda abarundi, kandi abarundi ntibashobora kwemera kuba abaja ba FDD CNDD
    - Nagende kuneza nabandi barahavuye kandi mbona babayeho neza
    - Imyaka cumi irakwiye ,, nimba abona hari ibibazo biri Imbere yiwe uwuzomusubirira azobikemura natekane

    - Arivyo yiyagiriza naho, canke ari ivyagirizwa abo bakoranye iyi myaka cumi, ubutungane burahari buzomutunganiriza ninaco bujejwe
    - Rero umukuru w’igihugu ntatinye kuhava ngo bohava bamfata , ihibambwe we nabandi batwaye ntibabuze utunenge ariko ntaco babagize
    - Niyakoresha inguvu naho ngo ahagume ibikwirikira azohava atavyitura hanyuma wamugani wa nyakwigendera MGR RUHUNA uhave umufata

    - Ariko twizere ko nawe nyene afise ubwenge kandi akunda umuryango wiwe

  • Erega siwe asigura ibwirizwanshingiro!

  • Ico ni iciyumviro cawe Ntamwana nayubundi ho hariho ababijejwe bazotubwira nimba bikwiye canke bidakwiye

  • Umuhisi Papa wanje yama avuga ati Mbgire uwumva yari mwene rurazinganya hama kandi ngo agasozi kamarere kahiye abagabo basemerera.

  • Mbe wakijujuwe ww ubona ko usumvya ubwenge na politike Ntamwana? Nimba mu Burundi dufise incabwenge Ntamwana atari uwambere(1) n’uwa kabiri(2) ww ugira kangah? MUri cndd Peter niwe ncabwenge yonyene mufise? Nimba ariwe wenyene Muragowe nahave incabwenge zizi gutwara zitware nakare ntaco yakoze atari kwica abarundi no kwiba uBurundi. Nta mu cndd numwe atari umwicanyi nicogituma mudashaka kwavaho

  • Kuva nakera abahanuzi ntibakundwa.muga mwibukeko kwiyibagiza ivyanditswe vyatumye abisilayeli bakomorwa ninzoka.so ntanyungu Musenyeri arondera muri politique isumba ubusuku Imana yamuhaye kirets ineza kuri bose,tuze tumenya kwisuzuma nukwinegura hama ducurubanza tudatewe igitsure.bibiliya twamana muntoke ninkota ikarishe ukoreshej nabi yogukata.nkebuy umukristo wese ntashire imbere utwoyoronka haje naka muga ashire imbere ukuri.Yesu abaje imbere munzira zukuri.musuku w’Imana ntudehukirwe bandanya nicowatorewe.muhezagirwe.

  • MWESE MUVUGA FNL FROBEDU ,DD NTA NUMWE MURI MWESE ARUSHA MGR NTAMWANA KURWANIRA ABAHUTU BAKIRI MU NTWARO IMWE YA PORONA!!!!!MWARAMUHEMUKIYE GUSA AHANDI HO ABAHUTU BABA BARI MW IJURU...

  • Komera musenyeri turagushigikiye ku ntumbero n’ivyiyumviro vyiza udahengeshanya gutanga mu nzira yo gutorerera inzira nziza abarundi bamaze igihe. Ibara ntiryosubira kugwa mu Burundi kandi ibwirizwa nshingiro ritabirekurira kw’ itoza incuro zirenga zibiri.

  • Ndabarahiye musenyeri ararivuze ndamwemeye cane!!banse kuvuga ukuri arakubatanze nzoba ndeba ivya ba dd.

  • eglise catholique yamwe itabara IGIHUGI. BARARIVUZE KANDI BATABAYE VYISHI.

  • GUTWARA BIRARYOSHE ARIKO BIGIRA UMWANYA.TWAME TWUBAHIRIZA AMATEKA N’AMATEGEKO Y’IGIHUGU.HAMA KUVA KERA ABAHANUZI NTIBARYA UMUNWA.MWUNGERE WACU TURAGUSHIGKIYE.

  • IGIKURU SIMPARI ZOWOKWITOZA IGIKURU NUWOZA ATWARIRA ABARUNDI BOSE ATA KUBONKA AYO BADAFISE NKO MUGUTUMA OBR MUVYO BATARIBURONKE NIBATWARE BAGENDA VYABANANIYE .BARINZE BINJIRA MUVYAMA UNITE NTAKUNDI NABAKUNDA ARIKO BAYI BIBAGIRA LEO ARIYO ABANYAGIHUGU BATO NIBIKEBUKE.MBE IBIBA UBU MUKINDI KIRINGOHO VYOGENDA GUTE EMWE UWUZORAMBA AZOBONA REKA IGIHUGU TUGISHIRE MUBIGANZA VYIMANA?

  • KOMERA KUMUHETO MUTAMA MWUNGERE WACU MUMUHANURE IGIHUGU KITARAGWA MUMANGA VYUMVISHE ABANDI BUNGERE NKAWE BAKUND IGIHUGU SUNKUMWANKA TWES TURAMUKUNDA ARIKO YISHIRE MUKIBANZA CABANYAGIHUGU BATO .YOO NUKRI TUGIYE GUHONA KURYAWAMUVUGIYE IMBERE YANYENUBWERAND PAPA IROMA AKAMUH AGASHIMWE TUVUGIRE NATWE AMUTUMEKO BICARANE AMUDUHANURIRE NAHANDIHO KUBWACU TURASHIZE NTAKABUZKOMERA KUMUHETO MUTAMA MWUNGERE WACU MUMUHANURE IGIHUGU KITARAGWA MUMANGA VYUMVISHE ABANDI BUNGERE NKAWE BAKUND IGIHUGU SUNKUMWANKA TWES TURAMUKUNDA ARIKO YISHIRE MUKIBANZA CABANYAGIHUGU BATO .YOO NUKRI TUGIYE GUHONA KURYAWAMUVUGIYE IMBERE YANYENUBWERAND PAPA IROMA AKAMUH AGASHIMWE TUVUGIRE NATWE AMUTUMEKO BICARANE AMUDUHANURIRE NAHANDIHO KUBWACU TURASHIZE NTAKABUZKOMERA KUMUHETO MUTAMA MWUNGERE WACU MUMUHANURE IGIHUGU KITARAGWA MUMANGA VYUMVISHE ABANDI BUNGERE NKAWE BAKUND IGIHUGU SUNKUMWANKA TWES TURAMUKUNDA ARIKO YISHIRE MUKIBANZA CABANYAGIHUGU BATO .YOO NUKRI TUGIYE GUHONA KURYAWAMUVUGIYE IMBERE YANYENUBWERAND PAPA IROMA AKAMUH AGASHIMWE TUVUGIRE NATWE AMUTUMEKO BICARANE AMUDUHANURIRE NAHANDIHO KUBWACU TURASHIZE NTAKABUZKOMERA KUMUHETO MUTAMA MWUNGERE WACU MUMUHANURE IGIHUGU KITARAGWA MUMANGA VYUMVISHE ABANDI BUNGERE NKAWE BAKUND IGIHUGU SUNKUMWANKA TWES TURAMUKUNDA ARIKO YISHIRE MUKIBANZA CABANYAGIHUGU BATO .YOO NUKRI TUGIYE GUHONA KURYAWAMUVUGIYE IMBERE YANYENUBWERAND PAPA IROMA AKAMUH AGASHIMWE TUVUGIRE NATWE AMUTUMEKO BICARANE AMUDUHANURIRE NAHANDIHO KUBWACU TURASHIZE NTAKABUZA.

  • Mutama irambire komera ncuti yanje .harumuntu yavuze ko atawarushije ntamwana kugwanira abahutu ivyo nukuri ntamuhutu yopfuye atwaye iyo ataba ntamwana et nyagoma kuko nabarindagwe kandi bijambo obo ba dd baribagiye,ivyo yabafAshije bakiri mwishamba

  • rafaheri ndagukebure kuko kuru rubuga biraboneka kurimushasha ariko kwidondora naho udyama sivyo mwikigihe, Nawe wiyise mahoro wavuze mugabo urazindwa mbega ntamwana simoni niwe wabonye muburundi wenye IMANA rurema yahaye ubwenge wenyene kugera naho umwishiramwo nku1mubwenge warazimiye genda wige urakenye ubumenyi pe ivyo ubona asumvya abirusha wewe wenye umvenkubarire kubaha UHORAHO niko kugira ubwenge kwizera Yesu Kristo nkumwami numukiza nibwobutunzi bwinsi bwubwenge, hold horse your down

  • birababaje kuba uwitwa umwungere hama ukaja muvyapolitike nawe wigisga amacakubiri mwishengero ivyImana bigumeko canke bivemwo uje muvya politike kuko urabishaka w wize gusoma imisa reka kuja muvyisi birafise abo vyega wenturimwo.

  • twamwitoreye,tumwishimiye,nibamureke,nibamureke,akomeze,atware,hariho,nabamaze,imyaka,cmirongwiri,batwara,,nyakwubahwa,wacunibamuturekekere,iyotwabatutamushaka,ntitwari,kumutora,

  • imana nigarukire uburundi turarushe

  • Mutama wacu nyenicubahiro Mwungere wacu, turagukunda kandi turagushigikiye. Ukomere kuyobora ubusho Imana yagushize. Turinyuma yawe. Ukomere kandi udukomeze twebwe abavukanyi bawe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.