Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Miss mpuzamashure w’2011 i Bujumbura aravugwako guhindagura abakunzi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Miss mpuzamashure w’2011 i Bujumbura aravugwako guhindagura abakunzi (...)

Miss mpuzamashure w’2011 i Bujumbura aravugwako guhindagura abakunzi cane

mardi 5 Ntwarante 2013

Ingabire nadaud Lycette umukobwa yabaye Miss mpuzamashure i Bujumbura mu mwaka w’ 2011, akunze kurangwa no guhindagura abahungu bagendana. Abo nabo kenshi usanga ari abaririmvyi ba hano i Bujumbura bazwi cane.

JPEG - 26 ko

Uwo rero inyuma yaho abereye Miss, amaze gukundana n’abantu benshi ugereranije n’igihe kirangiye kandi bose ntawe barambana cane nk’uko twabibwiwe nabo ubwabo. Imbere gatoyi yuko Lycette aba miss mpuzamashure, yari umukunzi azwi w’umuririmvyi Sat-b kuko Lycette ubwiwe avugako barambanye cane mu rukundo.

Munyuma gato yo kuba Miss, yahebanye na Sat-b aca akundana na H. umwe mubagize umurwi Indimu. Wewe ntibamaranye n’umwaka kuko baciye bahebana mugihe kitarenze amezi atandatu nkuko H. yabitubwiye.

JPEG - 23.5 ko

Amaze guhebana na H. yaciye akundana n’umunyakenya yitwa Max, uwo akaba ariwe wenyene utari umuririmvyi mu bo bakundanye bose. Uwo nawe nyene bamaranye umwanya urume rumara kuko bamaranye igihe kiri munsi y’ica H. ku buryo Lycette avuga ko we amufata nk’aho batakundanye.

Lycette yaciye afata ingingo avugako atazosubira gukundana n’abastar hama mu nyuma biramunanira aca akundana n’umuririmvyi akomeye mu Burundi bakaba batashatse ko izina ryiwe rivugwa.

Lycette avuga ko ico yakundiye uwo muririmvyi atari uko aririmba, ahubwo ngo yamukundiye uko ari kandi abandanya avuga ko yumva amukunze kurusha abandi bose yakunze kuko abona ko amubera inkingi y’ubuzima bwiwe.

Gusa ntawuzi nimba uwo nawe bazorambana cane kuko urukundo rwabo ruvugwako vyinshi na cane cane ko uwo muririmvyi yifitiye uwundi mukunzi bafitaniye n’ibibondo bibiri .


Joel Sengurebe

Messages

  • si uyu gusa nabandi nuko murwanda ho abenshi bahita baterwa inda ahubwo njye numva uyu we yitonda ubwo abitangaza

  • si uyu gusa nabandi nuko murwanda ho abenshi bahita baterwa inda ahubwo njye numva uyu we yitonda ubwo abitangaza

  • waao uyo wanyuma ufise ibibondo bibiri ko we mutomuvuze ? abamenyeshamakuru namwe muratinya? twamumenye, ntafise babiri ahubwo ni batatu abo babiri nabo imahanga naho lahma we ari ino iwacu. ntimunyandike ntawe mvuze mugabo!!!!!!!!!!mbere na miss national wa 2012 muzomugendere kuko nzi abasore batatu bamaze gukubndana nawe.

  • Vyoba byiza mutubwiye uwo wundi ahandi ho duca twiyumvira ibindi mutubwire dushire amazinda erega nka twebwe turi mumahanga ntituzi abagezweho kubwo kubura umwanya ukwiye

  • muje muza na ruguru habayo udusha nkutu mani

  • Aka kana karakeye sha ,mukareke nigakura nibwo kazahitamo gatuje.
    Naho ubundi murakabuza amahwemo mbambambuye!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.